Sentiment Tv
La voix des sentiments. Ijwi ry'ibiri k'umutima
09/29/2026
Imana yakuduhaye ikudutungire ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ
Burundi ๐ง๐ฎ Vs Algรฉrie ๐ฉ๐ฟ
Ba sokuru, barayamaze bati: ยซ Ntawanka kwonka nyina, ngo agwaye amahere. ยป
Iki nico gihe umukunzi wa Barca nโuwa Real Madrid , bashigikira umugwi umwe.
Ivyova mโurukino vyose, ntivyokubuza gukunda igihugu watayemwo uruzogi
Nimba uri inyuma yโIntamba mu rugamba, kubitamwo ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ................................................
09/29/2026
๐ท Jean Claude Girumugisha, uku niko yatsinze igitsindo ca 2 mu gice ca mbere ku munota wa 12.
๐ท Urukino rwahuje umurwi nserukira-gihugu Intamba mu Rugamba ๐ง๐ฎ, n'umurwi nserukira-gihugu wa Algรฉrie ๐ฉ๐ฟ, rwatangujwe n'indirimbo zihayagiza ivyo bihugu vyompi
#
09/29/2026
๐ #๐๐๐๐๐๐๐: ๐๐๐๐ค๐๐ง๐ฒ๐๐ณ๐ข ๐๐๐๐ข๐ซ๐ข ๐๐ข๐๐๐ซ๐ฎ๐ญ๐ฌ๐ ๐ข๐๐ข๐๐จ๐ง๐๐จ ๐๐ข๐ญ๐๐ญ๐ฎ ๐๐ข๐ญ๐๐ญ๐ฎ ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐ข๐ฌ๐ข ๐ข๐๐ข๐ซ๐ข ๐ข๐ค๐ฎ๐ซ๐ข๐ค๐ข๐ซ๐๐ง๐.
๐คฐ Umukenyezi wa mbere yibarutse ku wa 20 Nyakanga 2026, avyara abana batatu. Bukeye bwaho, kw'igenekerezo rya 21 Nyakanga, uwundi mukenyezi nawe kandi yibaruka abana batatu. Ivyo bikaba vyabereye ku bitaro bikuru vya Makamba, mu ntara ya Burunga.
๐ฉโ๐ผ N'ubwo bir'uko, bamwe muri abo bana batandatu bavutse bafise ibiro bike aho baciye bashirwa mu mashine zibafasha (couveuse) kugira ngo bakurikiranwe neza kandi bavurwe uko bikwiye nk'uko bimenyeshwa n'abaganga bo kuri ivyo bitaro.
๐ผ๐ฉโ๐ผ Abo bakenyezi babiri rero bamenyesha ko bakeneye ibintu bitandukanye vyobafasha harimwo amata n'ibindi kugira ngo bashobore kwitaho abo bana. Bagasaba uwo wese afise umutima wo gufasha n'abo bose bafise ico birengeje ko bobafasha.
09/29/2026
Dans 25' INTAMBA 2 : 0 Algerie
09/29/2026
๐ง๐ซ Burkina Faso yatanguje uruganda rwayo rwa mbere rutunganya inzahabu
Burkina Faso yatanguje ku wa 28 Nyakanga 2026 uruganda RAFFINOR-BF, ruvugwa ko ari rwo rwa mbere rwโigihugu rutunganya inzahabu imbere mu gihugu.
Urwo ruganda rwubatswe i Ouaga 2000, mu gisagara ca Ouagadougou. Rurimwo igisata co gutunganya inzahabu, laboratoire yo kuyisuzuma, ahashongererwa ivyuma, ububiko bukingiwe hamwe nโahakorerwa imitako.
Nkโuko Faso7 ibivuga, uwo mugambi watwaye hafi miliyaridi 11 zโama FCFA. Urwo ruganda ngo rushobora gutunganya ibiro 400 vyโinzahabu ku munsi, rukazoshobora no gukora inzahabu ifise ubuziranenge bugera kuri 99,99 %.
Umushikiranganji wa Burkina Faso ajejwe ubutare, Yacouba Zabrรฉ Gouba, yavuze ko intumbero ari uko inzahabu yโigihugu itunganywa, igenzurwa, ihabwa agaciro kandi ikemezwa imbere muri Burkina Faso.
Ibuye ryโishimikiro ryโurwo ruganda ryari ryashizweho muri Munyonyo 2023.
09/29/2026
"Uburundi bufise inyungu iyahe, kuba bugiye kwakira impunzi zirukanywe zivuye muri Reta zunze ubumwe z'america?"
Ico n'ikibazo cabajijwe Nancy Ninette Mutoni, umuvuguzi w'Umukuru w'igihugu c'u-Burundi, mu kiganiro kiriko kibera ikibiriraho i Ngozi caremeshejwe n'abavugizi binzego z'igihugu kuri uyu wa 29 Nyakanga 2026.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u-Burundi, yavuzeko inyungu nuko uburundi busanzwe bwakira abantu neza ikindi n'ukugira imigenderanire myiza n'ibindi bihugu. Yasiguyeko abazohabwa indaro arabazoba badafise ivyaha bibakurikirana, arabantu bazoba atabibazo bibagira canke abagizi banabi.
09/29/2026
๐จ๐จ : Aka kanya abafana batari bake bโINTAMBA MURUGAMBA ๐ง๐ฎ bari mu defilรฉ ndende bitegura Algerie ๐ฉ๐ฟ
Bakaba bariko baririmba itsinzi ko Algerie iza gutaha yikoreye Amboko
09/29/2026
๐ซข Umwana w'imyaka 8 yabajije abavugizi b'inzego, igituma abantu berekanye impano zabo mu baca bapfa. Aca asaba ko hokwubakwa ikigo abanyempano boza barahuriramwo
----------------------------
๐ค Uwo mwana w'umuhungu, yitwa Iteka Nichy Lucien, afise imyaka 8, akaba yamenyekanye mu birori vyitiriwe "Inkingi z'imbonakazoza 2025 kubera ukuvuga ururimi rw'icongereza abantu bose bagahungura amatwi, mbere akaba ari nawe yafashe ikibanza ca mbere muri iryo higanwa, aratahana n'ibahasha y'imiriyoni 5 hamwe n'akandi gashimwe yahawe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye
๐Mu kiganiro c'abavugizi b'inzego z'igihugu kiriko kibera ku murwa mukuru w'intara ya kuri uyu wa 29 2026, uwo mwana yabajije umuvugizi w'umukuru w'igihugu igituma aberekanye impano zabo akenshi baca bapfa ( bishwe), akaba yatanze akarore nka Kacaman Darcy, Bakame le comedien, Kessia n'abandi. Akaba yasavye ko hokwubakwa ikigo abafise impano boza barahuriramwo
๐ Ikindi uwo mwana yasavye, n'uko buri shure ryose ryo mu Burundi hoshirwaho umurwi w'abavuga icongereza (Club) kuko Uburundi busanzwe buri mu bihugu 54 bigize umuryango wa Afrika w'unze ubumwe, kandi ivyo bihugu vyose bikaba bikoresha urwo rurimi rw'icongereza
๐๏ธMu kumwishura, Nancy Ninette Mutoni avugira umukuru w'igihugu, yavuze ko abanyempano bakingiwe nk'abandi barundi bose kandi barubahirizwa mu gateka kabo, yavuze ko batishwe ahubwo bahitanwe n'indwara. Agashima kuntererano bari bamaze gutanga mu gisata co guteza imbere imico k**a y'Uburundi
๐Ku bijanye n'igisabo ciwe, kubijanye n'ururimi rw'icongereza, Uwo avugira umukuru w'igihugu yavuze ko ayo ma club ahari, aca agirako asaba ko n'aho yoba ari yonagurwa gukira ngo urwaruka rufise impano ruronke aho gukarihirizwa ubwenge
โ๏ธ Uyu mwana n'akahe kajambo mwomwongorera...
09/29/2026
๐ต๐ดโ๐ : ยซ Umugambi wo kwambara ibirato ku banyeshure waritabiriwe cane ยป
โ-------------------------------
โ๐ธ Abanyeshure nka bose b**a ku mashure ari ku murwa mukuru wa komine Makamba batonda bambaye ibirato nโamashesheti yera. Abo bana bavuga ko bibaryohera cane kuko baca baberwa kandi bagasa neza
โ
โ๐ฃ๏ธ Furera Andre Nininahazwe, Umuyobozi wโishure St Pierre Claver, yatuyagiye ko uwo mugambi bawitabiriye cane kandi bawakiriye neza biciye mu b**aniro bagiraniye nโabavyeyi be nโabarerwa
โ
โ๐๏ธ Emmanuel NKUNZIMANA, Umuyobozi wโindero muri zone Makamba, amenyesha ko bakoze ihimiriza kandi abavyeyi bakabishigikira, n'ubwo bamwe amikoro atari ikirenga, ariko ngo baragerageje kuko ari ku neza yโabana babo
โ
โ๐ Bamwe mu bavyeyi be nโabanyeshure bamenyesha ko bafise ikirato kimwe bakacambara imisi yose. Kubwโivyo, basaba ko boronswa umusi umwe mu ndwi wo kwambara ibisanzwe kugira ngo bace bamesura ibirato n'imyambaro y'ishure
โ
โ
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
2720 Parent Road
Prince George, BC
V2N5G3