Burunga GF
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Burunga GF, Actor, Bujumbura, Makamba.
14/05/2026
🔴🚨‼️💥🇱🇧🇮🇱‼️ Inzego z’Ubutasi za zivuga yuko yegeranije ibikoresho vyo guteranya misiles ku bice 90% vy’izo yari ifise imbere y’intambara. Ubu izo misile zikaba zishobora gukora.☠️💥🇮🇷✍🏾
14/05/2026
Babisabwe n'igihugu c’Ubushinwa, abarongoye Iran baretse ubwato 30 burarengana muri Détroit d'Ormuz kuva mu masaha 24 aheze
Mwibuke, Donald Trump na Xi Jinping bahuriye i Pékin muri deals za politique, ubutunzi na diplomatie. Bose bemeranije ko bikwiye ko Ormuz yuguruka
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara
SOURCE 👉
14/05/2026
🚨 Trump na Xi wa China, ku mpande zose, bivugwa ko bahurije hamwe ko Iran idatunga ikigwanisho ca nucléaire. Hama umugenda wa Hormuz ukugururwa.
• Ku bijanye n'amahera yahora atozwa, Xi agasaba ko bihagarara. Ubushinwa bukemera kuza buragura igitoro ca Amerika kugira ntibubeho buhanze amaso gusa iyo nzira ya Hormuz.
• Bose icarimwe bahurije kuri iryo jambo ryuko Iran ihagarika wa mugambi wo gukora igisasu kirimbuzi.
• Ako kanama kahuje abo bategetsi, mubona kazotanga agahengwe ku gitoro no ku mutekano?
• Ayo makuru nayo indani, ntaratangwa cane, muyamenye imbere y'abandi.
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
Burunga GF
14/05/2026
🛑🇺🇸🇨🇳🇮🇷 Perezida Trump na Perezida Xi Jinping bumvikanye ku kamaro ko kugumiza yuguruye inzira y’amato ya détroit d’Ormuz no ku kuba Iran idakwiye kugira ibirwanisho vya nucléaire.
🟣Trump yavuze ko ibiganiro vyagenze neza, kandi impande zompi zaranaganiriye ku buryo zokomeza gutsimbataza ubufatanye mu vy’ubutunzi, nk’uko Reuters yabitangaje ivuye ku muvugizi wa Maison Blanche.
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
Burunga GF
13/05/2026
🔴⚫️ Umusi Mehmet Ali Agca arasa Papa Yohani Paulo wa kabiri ariko akarokoka
Hari ku musi wa gatatu 1981, inyuma ya sasita ubwo Papa yinjira Ku rubuga Saint-Pierre ari mu mudoka yiwe: " papa mobile". Yaramaze umwanya ahezagira abantu, abaramutsa, utwana adukora ku ruhanga. Igihe c'isaha icumi n'imwe n'iho umusore w'imyaka mirongo ibiri n'itatu Mehemet Ali agca yarasa Nyen'ubweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri amasasu atatu. Yamufashe mu nda, ku nkokora no ku rutoke.
Umwengere amaze k***a igihumura baciye bamwirukangana mu bitaro, igikorwa co ku mubaga( opération chirurgicale) gitangura igihe c'isaha cumi na zibiri. Abagore baraho batangura gukorora amasozi bibaza ko yapfuye. Bukeye niho bavyukana amashurwe aho vyabereye. Ariko amakuru ava mubitaro yaguma avuga y'uko ameze neza.
Abakristu bagiye kwemera neza neza y'uko umwungere wabo yifashe neza amaze imisi ine inyuma y'igitero abarungikiye ubutumwa aho agwariye. Bwari bubaye ubwa mbere umurongozi wa Vaticano arungika ubutumwa muri bene ubwo buryo. Papa Yohani Paulo wa kabiri yarakoresha uburyo bwo gutumatumanako amakuru cane agakunda no kwifotoza ari kumwe n'abantu. Hari n'amafoto yiwe yabonetse aryamye Ku gitanda c'ibitaro. Vyari imbonekarimwe.
Inyuma y'imyaka ibiri yahavuye aja kuramutsa uwamurashe . Bamaranye iminota mirongo ibiri bayaga ama caméras ariko afata amasanamu ntawamenye ivyo bayaze Kuko papa yabigize ibanga. Gusa yarabwiye abantu ko yamurekiriye, ko yamuramukije nk'umuntu n'umuvukanyi kandi ko yihanye ivyo yakoze. Hatangajwe vyinshi mu vyoba vyaratumye uwo mu nya Turikiya yiyumvira kwica umwengere w'Ekleziya gatorika ariko nta gifashe na kimwe kiboneka. Muri 2010, Agca yarapfunguwe inyuma y'imyaka mirongo itatu apfungiwe ico caha n'ibindi yakoreye mu gihugu ca Turikiya.
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
13/05/2026
🌄Trump yamaze gushika mugihugu c,ubushinwa,Aho bitegekanijwe koPerezida w’Ubushinwa Xi Jinping bitegekanijwe ko aza gushira umukazo kuri Donald Trump ku bibazo bibiri bihambaye cane: Taiwan n’amatagisi y’ubudandaji hagati y’Ubushinwa na Amerika 🇨🇳🇺🇸.
🌠Mu nama iri hagati y’abo bategetsi babiri, Xi ashaka ko Trump agabanya ugushigikira Taiwan, igihugu Ubushinwa bubona nk’intara yabwo kandi kidakwiye kwigenga.Ku rundi ruhande, ikibazo c’amatagisi naco kirabandanya gutera impari, aho Ubushinwa bwiyamiriza amatagisi akomeye Amerika yashize ku bicuruzwa vyabwo, ivuga ko abangamira ubutunzi n’ubudandaji mpuzamakungu.
💥Isi yose iriko irakurikirana yitonze kugira ibone nimba Trump na Xi bashobora gushika ku masezerano mashasha canke niba ukutumvikana kuzoza kurushiriza kwiyongera.
Fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
13/05/2026
🟥 ibintu 20 ushobora kuba utaruzi kuri Koreya ya Ruguru 🇰🇵 🙈
▪︎Kubuza abantu kuva mu gihugu:
Iyo wavukiye muri Koreya ya Ruguru, ntuba wemerewe kuva muri ico gihugu. Utegerezwa kuhaba ubuzima bwawe bwose, canke ugahanishwa ibihano bikomeye.
▪︎Urwego rw’abantu baba i Pyongyang:
Ababa mu murwa mukuru Pyongyang bafise ubuzima bwiza kandi bafatwa nk’intore z’igihugu.
▪︎Ifoto y’umukuru w’igihugu ni itegeko:
Buri rugo rwo muri Koreya ya Ruguru rutegerezwa gushiramwo ifoto ya Kim Jong-un, umukuru mukuru w’igihugu.
▪︎Gukiza ifoto imbere y’abana:
Iyo habaye umuriro, umuntu asabwa kubanza gukiza ifoto y’umukuru w’igihugu. Kutabikora bishobora gutuma aja mw’ibohero.
▪︎Bibiliya ni icaha:
Kugira Bibiliya birabujijwe cane. Ivyo bishobora no guhanishwa urupfu.
▪︎Imisatsi yategetswe:
Abanyagihugu bategerezwa guhitamwo imisatsi iri ku rutonde rwemewe na Leta: 18 ku bagore na 10 ku bagabo. Iyindi yose irabujijwe.
▪︎Amazina abujijwe:
Nta muntu yemerewe kwitwa Kim kugira ntasangire izina n’umukuru w’igihugu.
▪︎Impuzu zigenzurwa:
Leta ni yo igena ingene abantu bategerezwa kwambara. Imideri y’Abanyaburaya n’Abanyamerika irabujijwe.
▪︎Guhana umuryango wose:
Iyo umuntu akoze icaha, umuryango wiwe wose gushika ku bisekuru bitatu ushobora gupfungwa canke kurungikwa mu makambi y’ibikorwa vy’agahato.
▪︎Internet nto cane:
Internet nk’iyo tuzi ntibaho. Hari imbuga 28 gusa zemerewe, kandi zose zigenzurwa na Leta.
▪︎Amatora ata guhitamwo:
Amatora aba buri myaka 5, ariko haba umukandida umwe gusa. Gutora rero ni ukwiyerekana gusa.
▪︎Guhamagara hanze birabujijwe:
Guhamagara mu mahanga ni icaha kandi bishobora gutuma umuntu aja ubwo nyene mu nkambi y’ibikorwa vy’agahato.
▪︎Televiziyo igenzurwa:
Igihugu gifise imirongo 3 gusa ya televiziyo, yose igenzurwa na Leta kandi yerekana poropagande gusa.
▪︎Jean zirabujijwe:
Kwambara amapantalo ya jean bifatwa nk’umuco w’ibihugu vy’Uburengero, rero birabujijwe.
Kalendari yabo bwite:
Koreya ya Ruguru ikoresha kalendari yayo itangurira ku mwaka Kim Il-sung yavukiyeko mu 1912. Ku bwabo ubu ni umwaka wa 111.
▪︎Iminsi mikuru y’itegeko:
Imisi yose ijanye n’abarongozi (amavuko, urupfu, intsinzi n’ibindi) ihimbazwa ku nguvu kandi mu buryo bwa patriotisme.
Cinema igenzurwa cane:
Amafilime yose ategerezwa kwemerwa na Leta. Hollywood canke Netflix ntibibaho aho.
▪︎Nta bucuruzi bwigenga:
Nta masosiyete yigenga ariho. Vyose ni ivya Leta, kuva kuri boulangerie gushika ku coiffeur.
▪︎Nta matangazo y’ubudandaji:
Nta panneaux publicitaires ziri mu mabarabara. Hari gusa amajambo y’umugambwe uri ku butegetsi.
▪︎Guhimbaza abarongozi nk’imana:
Abarongozi barubahwa cane nk’aho ari imana. Hari ibishusho binini, inzu z’iratiro n’indirimbo vyubakiwe kubahimbariza.
⏩ :
Birabujijwe gutwenga, kunywa inzoga, gukora shopping, guhimbaza anniversaires canke kwinezereza kuva igenekerezo rya 17 gushika 28 Kigarama buri mwaka kubera ikiringo co kunamira Kim Jong-il, uwahoze arongoye igihugu. Ivyo bikorwa mu gihugu cose.
Fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
SOURCE 👉 ✍
13/05/2026
🟥 🙈
Elon Musk ubu tuvugana ariko aragenda mu Bushinwa ari muri Air Force One hamwe n'Incuti Yiwe Prezida Trump.
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha
13/05/2026
🔴⚫Iki kibazo kirakomeye, inyishu yaco ivuze vyinshi
Umumenyeshamakuru: Murashobora gusigurira abanyagihugu ukuntu dushira amahera menshi mu gisirikare ariko kuva aho dutereye Iran gushika n’ubu igifise ubushobozi bwo kwugara uruja n’uruza mu muhora wa Ormuz ?
Umugaba mukuru w’igisirikare (USA):Mushinganta! Harya hantu ivyaho ntivyoroshe ufatiye ku bwato butobuto bwa Iran buhari n’ibindi bishobora kuhakorerwa. Murabizi y’uko ubwato buca muri urya muhora bwinshi ni ubw’ubudandaji. Ariko ikibazo ni uko Iran yamaze guta muri yompi ubutunzi bwisi ibicishije muri urya muhora. Nobahamagarira kwiyubara mu ngingo zikurikira bazofata kandi bihutire kwugurura umuhora "
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara
SOURCE 👉
12/05/2026
🔴⚫BIRIHUTA :Satan-2 irashobora gukora akazi yaremewe
Mwiriwe neza bagenzi 🙋♂️
Muribuka umusi umwe intambara ya Ukraine n’Uburusiya itanguye ukuntu mu Burundi hakwiragijwe igihuha c’uko umugabo w’igisigo yitwa Poutine afise ikigwanisho citwa Satan-2? Ku murundi yashize Imana imbere, acumva izina Satan yaca yumva ko ivyo bavuze kuri Poutine ( ishetani) ko ari vyo.
Yamara, Missile RS-28 Sarmat abantu bo muri OTAN nibo bayihinduriye izina bayita Satan-2. Ivyo vyose vyabaye kugirango bafatanye ububisha bwayo n’ubunyamaswa basanzwe bavuga kuri Poutine. Abarundi n’abandi benshi bakurikira les Médias mensonges na propagande yo mu burengero baciye bavyemera, urwako banka Uburusiya ( Russophobie) rubandanya kwiyongera
N’ubwo biri uko, Sarmat ni Missiles imwe mu zikomeye Uburusiya bumaze imyaka myinshi bagerageza ariko vyukuri ntiri tayali kuja ku rugamba. Ivyo nta n’umwe yigeze abivuga
Igihe izoba yaheze, yiteguye kuja ku rugamba, izoba ari Missile ishobora kurasa ku kintu cose aho kiri mw’isi yose. Ntihagarikwa. Yikorera imitwe myinshi y’ibigwanisho ruhonyaganda, irihinduranya iri mu kirere gushika irashebmy cico . Ishobora kwerekana ibitutu vyayo wibaza ngo ni yo naho shwi
Amagerageza yakozwe uno musi, ayiha amanota meza yo gukoreshwa igihe cose vyoba bibaye ngombwa. Poutine yavuze ko izoja aho ibindi bigwanisho bibitse mu mwaka uza.
Murakoze, mugire ibihe vyiza
fyonda suivre kurururubuga ubandanye ubona nayandimakuru mashasha ajanye nivyizintambara
SOURCE 👉
12/05/2026
🔴🇮🇷⚡🇺🇸 “Twabatsinze ku rugamba, ntimwiyumvire ko muzodutsinda muri dipolomasi (ibiganiro),”
🗣 umuhanuzi mukuru wa leta ya Iran, yabwiye Donald Trump.
Velayati yavuze ayo majambo mu kwishura ivyo Trump yavuze bamwe bafashe nk’iterabwoba ryo gukoresha ibirwanisho vya nikereyeri canke kubandanya guhatira Iran kwemera ivyo Amerika ishaka.
⁉️Basomyi aya majambo y'uwu mugabo muyakiriye gute ?
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the public figure
Telephone
Website
Address
Bujumbura
Makamba