Commune Rutana

Commune Rutana

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Commune Rutana, Government Organization, Burunga Rutana, Rutana.

Photos from Commune Rutana's post 10/07/2026

🩺 ISEKEZA RYO KUVURA NO KUBAGA KU BUNTU RYATANGUYE MU NTARA YA BURUNGA KOMINE RUTANA AKARERE KUBUVUZI KARUTANA RYITABIRIWE N'ABANTU BENSHI

Kuri uyu wa 10 Mukakaro 2026, ibikorwa vy'isekeza ryo kuvura no kubaga ku buntu rigira umunani Ritunganijwe nikigo BEENA FONDATION vyatanguye ku mugaragaro mu Ntara ya BURUNGA,KOMINE RUTANA, aho abanyagihugu isinzi bazindukiye ku Bitaro Bikuru vya Gihofi kugira bisuzumishe kandi bahabwe ubuvuzi n'abaganga b'inzobere.

Iri sekeza ryama ritunganywa mu ntumbero yo gufasha abarwayi bafise ibibazo bitandukanye bisaba kubagwa canke ubundi buvuzi bwihariye, harimwo indwara z'amaso, amasuha, musipa, imyingo, inkavyi, prostate n'izindi.

Kuva mu gitondo, abantu benshi baturutse mu bice bitandukanye vy'Igihugu baritavye iri sekeza, bagaragaza umunezero n'icizere ko bagiye kuronka ubufasha bw'ubuvuzi bwiza.

Abategura iri sekeza barashimira abanyagihugu bitavye ari benshi, bongera bahamagarira n'abatararonka akaryo ko kwiyandikisha gukurikiza amabwirizwa yatanzwe kugira abazokunde baronke ubufasha kandi bazitabweho neza.

Twifurije abarwayi bose kwivuza neza no gusubira mu buzima busanzwe.

Photos from Commune Rutana's post 01/07/2026

INTARA YA BURUNGA
KOMINE YA RUTANA
-----------------------------------
Ibirori vyo guhimbaza umusi mukuru w'ukwikukira kw'uburundi Ku ncuro ya 64 muri komine Rutana k'uyu wa mbere mukakaro 2026 vyatangujwe n'inkuka y'imisa yaherejwe na Nyenicubahiro umwungere wa Diocèse catolika ya Rutana aho yibukije ko umuntu wese afise ingabire n'ingabirano imukwiye mugutez'imbere igihugu.ibirori vyabandanirije gushira ingori z'amashurwe Kucibutso c'ukwikukira hakwirikiye idefire ndende y'imirwi itandukanye irangurira ibikorwa muri komine Rutana hamwe n'imirwi itandukanye yo kuryosha ibirori hakaba hari hitavye abakozi b'Imana bo mumashengero atandukanye,abajejwe inzego z'ubutungane niz'umutekano.Mw'ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'uburundi ryashikirijwe na nyakubahwa Musitanteri wa komine Rutana Ir Gordien NTAKIRUTIMANA kucivugo :Turi kumwe twese duhabuze intahe yo kwikukira muvy'ubutunzi akaba yatanze impanuro ko zina murundi wese yokorera igihugu c'amavukiro akiganisha kumbonakazoza y'igihugu cifashe 2040 gitey'imbere 2060.Abarundi bakaba basabwa kwirinda ivyo vyose vyobacanishamwo bamenyeko ariyo mpetso yabo kandi bategerezwa kukibungabunga.inyuma y'ibirori hakaba habaye urukino rw'umupira w'amaguru rwahuje abavuzi bo mukarere k'ubuvuzi ka rutana ka kera na karere kubuvuzi ka Gihofi ka kera
Komine Rutana yipfurije Abarundi bose umunsi mukuru mwiza w'Ukwikukira,Komine Rutana irabakengurukira uruhara bagira mu kubaka igihugu cacu no mu gutsimbataza ubumwe bw'Abarundi.

🇧🇮 Harakabaho Uburundi bwigenga!
🇧🇮 Harakabaho Intara ya Burunga!
🇧🇮 Harakabaho Komine Rutana!
🇧🇮 Twese hamwe twubake Rutana nziza
🇧🇮 RUTANA nziza

01/07/2026

"Le 1er juillet n'est pas seulement une date historique, c'est un appel à l'unité, au travail et à la responsabilité. Ensemble, poursuivons notre marche vers l'émergence économique et le bien-être de tous. Bonne fête de l'Indépendance à toute la population de Rutana et du Burundi !"

29/06/2026

INTARA YA BURUNGA
KOMINE YA RUTANA
Mu gushigikira umugambi wa Leta w'uko ata mwana n'umwe azosubira kwicara hasi mw'ishure mu mwaka w'ishure wa 2026–2027, Komine Rutana yabaye intambwe ikomeye mu guteza imbere indero.
Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 29 Ruheshi 2026, Musitanteri wa Komine Rutana, Ir Gordien NTAKIRUTIMANA, ari kumwe n'uwuserukira igisata c'indero muri iyo komine, Onésime NKENGURUTSE, bashikirije abayobozi b'amashure amwe yo muri Komine Rutana intebe 694 zizofasha abanyeshure kwiga neza kandi batekanye.
Mu mashure yaronkejwe izo ntebe harimwo Bihahe, Bugunga, Buta, Butambara, Butovyi, Gakobe, Gasakuza, Gaseri, Gaterama, Gifunzo, Gitaba, Karibu, Karindo, Karinzi, Kibinzi, Kinganda, Mika, Mubuga na Musivya, hamwe n'ayandi azobandanya aronka uko ibikorwa vyo kuzikora biriko biraranguka.
Iyi ntambwe irerekana ubushake bwa Leta n'ubuyobozi bwa Komine Rutana bwo guteza imbere indero no kuronsa abana bose uburyo bwiza bwo kwigiramwo, kugira batangure umwaka w'ishure wa 2026–2027 bari mu bihe vyiza kandi ata n'umwe asigaye inyuma.

Photos from Commune Rutana's post 29/06/2026

INTARA YA BURUNGA
KOMINE YA RUTANA
_____________________
Muntumbero yo kwerekana ivyaranguwe mugice ca kabiri c'umwaka wa 2025-2026, Musitanteri wa komine Rutana Ir Gordien NTAKIRUTIMANA arikumwe n'abaserukiye inama ya Komine n'izindi ndongozi bagiraniye ikiganiro k'uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ruheshi n'indongozi zo kumitumba igize komine Rutana Rutana,abaserukira abadandaza n'indongozi zo muri Komine kugira berekane ivyaranguwe kuvyari bitegekanijwe gukorwa mu bisata vyose bigize komine Rutana kabaye kandi akanya ko kubwira abitavye inama amafaranga yari yitezwe kwegeranywa,ayegeranijwe hamwe n'ayamaze gukoreshwa.Musitanteri wa komine Rutana akaba yahamagariye indongozi guhimiriza abo zirongoye kwijukira ibikorwa vy'isuku n'isukura kumabarabara,kwijukira ibikorwa vy'iterambere hamwe no kurwanya imiriro ya nyakanga mwa kino gihe c'ici.yasavye kandi ko abenegihugu bohimirizwa kugira inyifato ibereye bakirinda ivyobacanishamwo narirya himirije igihe c'amatora.

Photos from Commune Rutana's post 28/06/2026

IR. GORDIEN NTAKIRUTIMANA : UN LEADERSHIP AU SERVICE DU DÉVELOPPEMENT DE RUTANA

Dans chaque génération émergent des hommes et des femmes qui consacrent leur énergie, leur intelligence et leur cœur au service de leur communauté. Pour la Commune Rutana, l’un de ces leaders est sans aucun doute Ir. Gordien NTAKIRUTIMANA, Administrateur Communal, dont le parcours inspire confiance, engagement et espoir.

Depuis sa prise de fonction, Ir. Gordien NTAKIRUTIMANA s'est donné pour mission de rapprocher l'administration de la population et de faire du développement local une réalité concrète. Son leadership repose sur des valeurs essentielles : l'intégrité, le travail acharné, l'écoute et le sens élevé du devoir.

Convaincu que le développement durable se construit avec la participation de tous, il encourage le dialogue entre les citoyens, les autorités et les partenaires au développement. Grâce à cette vision inclusive, de nombreuses initiatives ont vu le jour, contribuant à l'amélioration des conditions de vie de la population de Rutana.

Son engagement quotidien témoigne d'une profonde volonté de servir. Qu'il s'agisse de soutenir les projets communautaires, de promouvoir l'éducation, d'encourager l'entrepreneuriat des jeunes ou de renforcer les infrastructures publiques, il agit avec détermination pour répondre aux besoins de la population.

Au-delà de ses responsabilités administratives, Ir. Gordien NTAKIRUTIMANA incarne un modèle de leadership fondé sur l'action et les résultats. Il démontre qu'un dirigeant efficace est celui qui reste proche des citoyens, comprend leurs préoccupations et œuvre sans relâche pour leur bien-être.

Son parcours constitue une source d'inspiration pour la jeunesse burundaise. Il rappelle que le véritable succès ne se mesure pas seulement par les postes occupés, mais par l'impact positif laissé dans la vie des autres.

Aujourd'hui, la Commune Rutana poursuit sa marche vers le progrès grâce à l'engagement de ses habitants et à la vision de leaders tels qu'Ir. Gordien NTAKIRUTIMANA. Son histoire nous enseigne qu'avec de la détermination, du courage et un profond esprit de service, il est possible de transformer les défis en opportunités et les rêves en réalisations.

Que son exemple inspire chacun d'entre nous à contribuer, à son niveau, à la construction d'une commune toujours plus prospère, unie et tournée vers l'avenir.

« Servir avec intégrité, diriger avec vision, bâtir avec la population : telle est la marque du leadership d’Ir. Gordien NTAKIRUTIMANA pour Rutana. »

22/06/2026

Sangia iyi video kugira amakuru agere ku bantu benshi bashobora kuba bayakeneye. Urafasha kurokora ubuzima.
🏥❤️

Photos from Commune Rutana's post 20/06/2026

KOMINE RUTANA YIFATANIJE N'UMURYANGO WARONSE UMUGISHA UDASANZWE W'ABANA BATATU

Komine Rutana iranezerewe kandi yifatanije n'umuryango wo muri Komine Rutana wibarukiye ku Bitaro vya Gihofi abana batatu icyarimwe. Ni inkuru y'umunezero n'umugisha udasanzwe ku muryango, ku Komine Rutana no ku gihugu cose.

Turakeje cane abavyeyi b'abo bana ku ngabire Imana yabahaye, kandi twipfurije abo bana gukura neza, bakagira amagara meza, bakazobera umuryango n'igihugu akabando k'iminsi.

Naho ari umunezero mwinshi, uwo muryango urakeneye gushigikirwa kugira ushobore kurera neza abo bana batatu. Ni co gituma Komine Rutana itumirira abenegihugu bose, abarwizatunga, amashirahamwe n'abafise umutima mwiza kwifatanya n'uyo muryango mu kuwushigikira hakurikijwe ubushobozi bwa buri wese.

Ubu ni bwo buryo bwo kugaragaza urukundo, ubumwe n'ubuntu biranga abarundi. Dufatanije, uwo muryango uzoshobora kwakira no kurera neza uwo mugisha udasanzwe waronse.

Komine Rutana yipfurije abo bana ubuzima bwiza, amahoro n'iterambere, kandi irashimira abantu bose bazokwitabira iki gikorwa c'urukundo n'ubufatanye.

Twese hamwe, twubake umuryango ukomeye kandi ushoboye kurera neza kazoza k'abana bacu.

Komine Rutana "Iterambere ryacu rishingiye ku bumwe n'ugufashanya." 👶👶👶❤️🇧🇮
yabantu
# Ibitaro vya Gihofi
kuvuvuzi karutana, Commune Rutana Intara ya BURUNGA

16/06/2026

📢 ISEKEZA RYO KUVURA K'UBUNTU RIRAGEZE!

Woba ufise ikibazo c’amaso, musipa, imyingo, inkavyi, prostate canke izindi ndwara zikeneye kubagwa? Aka ni akaryo keza ko kwivuza ku buntu.

📝 Iyandikishe imbere y’itariki ya 15 Ruheshi 2026 kugira usuzumwe kandi utegurirwe kuvurwa.

📍 Abarwayi bo muri Rutana bazokwiyandikisha ku Bitaro Bikuru vya Gihofi (SOSUMO), canke kuri Centre Médical BENAA Rutana Centre ku ndwara z’amaso.

Sangira ubu butumwa kugira bugere ku bantu benshi bashobora kubukeneye. 🤝🏥❤️

☎️ Amakuru y’inyongera: 61 553 184 / 79 572 961

Amagara meza ni itunga ry’agaciro. Ntucikwe n’aka karyo!

08/06/2026

Rutana

Want your organization to be the top-listed Government Service in Rutana?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Website

Address

Burunga Rutana
Rutana