Three In One Church Rumonge

Three In One Church Rumonge

Share

We are the body of Christ,United together to bear much fruits for the Kingdom of God.

09/09/2026
17/08/2026

Igikorane Igikorane Igikorane

Mwese muratumiwe mukibanza c'Ikanguro aho amakuru meza akurindiriye .Ntupange gusiba canke gucerwa

22/06/2026

https://youtube.com/watch?v=_DzAYI06Bdw&si=pvqxlnqWBsGS3I8q
*Shalom shalom ncuti y'Umusaraba mfashe kano kanya ku ncuro ya mbere kugutumira* *guhezagigwa ni ndirimbo yanje ya mbere nise* 👉 _UMUSARABA_ 👈
*Ariko Kandi ndagusavye umfashe gukora SUBSCRIBE COMMENT SHARE no gushira kuri Status yawe* 👇

11/04/2026

Murahawe ikaze mukibanza c'Ikanguro kuri bose.

Photos from Three In One Church Rumonge's post 30/03/2026

Tugaruke kuvyaranze umusi w'Imana wa 29/3/2026

Umwigisha: Umwungere Blaise Ciza

Icigwa:Kubaho ubuzima buyobowe n'urukundo rw'Imana

Imiringo mfatiro: Abaroma 5:6-11, 12:1-2 ,1 Yohana 3:16 , 1 Abi Korinto 13:4-6

Urukundo rufise inkomezi kuruta izindi ngabire zose.Bibiliya yemezako urukundo rurusha inkomezi urupfu.
Kubaho ubuzima bw'urukundo nukubaho wigana Imana.

Urukundo rurangwa no kwitanga.Urukundo rugaragazwa nurugezo ushobora kwitangamwo witangira abandi.Yohana 3:16 " urukundo Imana yakunze abari mw'isi rwatumye itanga"
Ntaco twaribwakore coshimisha Imana ahubwo Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha.
Kobimeze biryo rero nawe ukwiye gushikanira umubiri wawe Imana ngo uhingurwe kugira ubere abandi ikimazi kizima,ubumote bwiza bw'Imana.
Ni mugukorera abandi bazobona Imana bakifuza nokuyikurikira .Urukundo ruri muri wewe nicamwa ca mpwemu Yera kivuye kugiti(Yesu) kivoma ubuzima mumizi (Imana Data).

Ibigeza Urukundo :
- Kwihangana : Udafise kwihangana ntukavugeko ukunda ( urukundo nicamwa ca Mpwemu)
Ukeneye ubugingo bwo muri Mpwemu kugira ngo ubashe kubaho mu rukundo no kwihanganira abakugiriye nabi.
-Urukundo rugira neza: Kugirira neza abagukomerekeje bigaragaza urukundo.Umwansi wawe niyasonza mugaburire uzoba ugize neza.Niwaharira uwakugiriye nabi uzoba ugize neza.
-Kimwe mubintu biranga urwanko ni ishari: Nimba utanezerererwa iterambere ryabandi ntarukundo ufise ahubwo ufise urwanko .Ijambo rivuga ngo uwanka mwenedata wese numwicanyi kandi ntamwicanyi yogira ubugingo ngo bugume muri we.
-Ibikorwa umuntu akora: urukundo ntirukora ibiteye isoni.Niwashaka kubaho murukundo rw'Imana wirinde kuja mubiterasoni nokubikorera abandi.

Urukundo s'amajambo urukundo nibikorwa
Kugira ingabire zitandukanye ntibisigura ko uriko ubaho ubuzima buyobowe n'urukundo.
Guhishurirwa amabanga ,kumenya ubwenge ukigisha ntibizotuma ubaho ubuzima bw'urukundo rw'Imana, kugeza wemeye ukitangira abandi .Nkuko Yesu yari ikiranga urukundo rw'Imana akitanga kubwacu

30/03/2026

Shalom!kaze cane mukibanza c'Ikanguro kuri bose. Aho tuzoba mu bwiza burenze ubwo twigeze

18/03/2026

Akira iri Jambo ni iryawe kubikwerekeye vyose

13/02/2026

Ibihe vyiza bitwibutsa kuba umusoda wa Kristo

Photos from Three In One Church Rumonge's post 06/01/2026

Amasanamu yaranze amakesha ya 31/12/2025

Telephone

Website

Address

Mugomere , Avenue Buyengero N° A14
Rumonge
257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Three In One Church Rumonge posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Subscribe

We will notify you when anything happens in Rumonge.