Transform Nations Ministry

Transform Nations Ministry

Share

Word Transforming Lives

24/11/2014

Dimanche le 23/11/2014
Avec Pasteur Sibomana Kevin
Theme: Ivyaremwe vyose birarindiranye igishika uguhishurwa kw'abana b'Imana!
Abaroma 8:18-21
Ijambo ry'Imana rivuze ko ivyaremwe vyose biganzwa n'ibitagira ikimazi atar'uko bivyigombeye, iki n'igihe c'uko birindiranye igishika ko abana b'Imana bamenya ibibegukira, baje gushira ibintu mu kibanza cavyo kugira babikoreshe ivyari mu mugambi no mu vyiyumviro vy'Imana...

24/11/2014

Vendredi le 21/11/2014
Avec Pasteur Sibomana Kevin
Theme: Kuvugishwa ku magufa yumye!
Itanguriro 1:2-3
Imana yisanze imbere y'aho ivyo yari yararemye ari vyiza bisigaye ata shusho bifise, umwiza ariwo ubitwikiriye, ica ivuga ijambo mu kurema ivyo igomba...
Ababaye abagenzi b'Imana uhereye mw'isezerano rya kera n'abamenye gukorera mu bitaboneka kuko ukwizera gufatiye ku bitaboneka (Abaheburayo 11:1), nikwo gutuma dukora, twiyumvira, tubona nk'Imana mu bitaboneka!
Imana niyo yaremye umuco iwukuye mu mwiza (2 Abikorinto 4:6), ishobora gukora ibirengeye ivyokwirwa mu bwenge bw'abanyabwenge, ibirengeye ugutahura kw'umwana w'umuntu...
Kuko ibibogaboga muri we arivyo twese twahaweko (Yohana 1:14), yashize muri twebwe ivyuzuye muri yo..
Urashobora kuvugishwa ku magufa yumye, ku bitagenda neza mu buzima bwawe, muri famille yawe, ukavuga ijambo, ukatura ico ugomba, uko ugomba kw'ibintu bigenda (Homologia: kuvuga nk'ukw'Imana yovuze imbere y'ivyo bintu)

20/11/2014

Lundi le 17/11/2014
Avec Pasteur Sibomana Kevin
Theme: N'igiki codutandukanya n'urukundo rw'Imana?
Romains 8:35-37
V.35 => Hari ibigwanishwa 7 Satani akoresha kugira adukure ku Mana ariko urukundo rw'Imana rutuma tubinesha vyose
Psaumes 91:3-5

Want your place of worship to be the top-listed Place Of Worship in Musaga?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Website

Address


Kinanira
Musaga