CNL Inyankamugayo
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from CNL Inyankamugayo, Actor, Kayanza.
09/03/2026
: asanzwe arongoye ishirahamwe ASBL yarahagaritswe mu mabanga yo kuba umuyobozi mukuru wa Société kubera ubusuma bwiwe no kunyonyeza amatungo ya Société, amakuru dufise kandi yo kwizera uwamusubiriye yitwa SINDIKUBWAYO Apollinaire. Abo muri APRODECO-BURUNDI ASBL muragabe kuko namwe turafise amakuru ko yabarembeje kuva mugitangura, uwivye ngaho ntazoreka no kwiba ngaho, muzoce mumwirukana nk'ukwo abo bamwirukanye, nivyaba arivyo batamubesheye.
Aya makuru tugiye kubandanya tuyatohozako neza tumenye vyinshi.
Inyankamugayo za CNL aho uri hose BURUNDI MON PAYS Cndd-Fdd Inyankamugayo z'i Burundi Ndacasaba Casien CNL Inyankamugayo Deuxième Anniversaire Muyinga
INYANKAMUGAYO
21/05/2025
Naho Cndd-Fdd yadufatiye amaboko imugongo, harivyo tutoshima ko bigaruka nk'ivanguramoko. Nkiri shirahamwe Aprodeco riherutse kwemerwa gukorera kumugaragaro rifise intumbero y'ibintu vyabatutsi. Inyankamugayo za CNL aho uri hose INYANKAMUGAYO Inyankamugayo z'i Burundi CNL Inyankamugayo Deuxième Anniversaire CNDD-FDD ABAGUMYABANGA Cndd-Fdd
-umukuru w'ishirahamwe Aprodeco ni umututsikazi Irakoze Emmanuella
-icegera ni umututsi Mbonayo Jean Bosco
-umunyamabanga ni umututsi Ndayihimbaze Jean Bosco
-umunyabigega ni umututsikazi Negamiye Aline
-umuhanuzi turacamutohozako ubwoko bwiwe tuzomubabwira vuba ariko amakuru dufise ataremezwa neza ni umututsi. tugiye kubereka namafoto yabo vuba turiko turayatororokanya. Kubera iki ishirahamwe ry'ubwoko bumwe? N'umukenyuro? Tubaze Murundi Cakenge.
07/05/2024
🔴 Kenny Claude Nduwimana asigaye ari mu bitwa "Abansi b'igihugu" !
Iyi sanamu yafashwe ejo haheze kuri Sentare nkuru ya Mukaza aho Kenny Claude Nduwimana yari yarengukijwe. Kenny yahamaze akanya gato aca ahabwa isango yo mu kwezi kw'indwi kuza.
Kenny Claude Nduwimana yahagaritswe n'iperereza ry'Uburundi muri nyakanga 2023. Inyuma, Lieutenant-Colonel Petero Nkurikiye, asanzwe avuga ku madosiye y'iperereza, harimwo n'amarementanya atari make, yamenyesheje ko Kenny Claude Nduwimana na Médard Muhiza bahagaritswe ku vyaha bikomeye, harimwo gucafuza ishusho y'igihugu, kwambika ibara abategetsi b'Uburundi, gutanga amakuru y'ibinyoma bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi, gukoresha uruyeri mu kwiba abantu. Ejo yasomewe ivyaha bitatu birimwo guhungabanya umutekano w'igihugu, gutyoza abategetsi no gukwiragiza amakuru y'ibinyoma.
Inyuma y'amezi indwi ahagaritswe, Kenny Claude Nduwimana ejo niho yari kuburana imbere y'abacamanza. Ariko ntiyabaye akiburana kubera mugenziwe basangiye dosiye atari yitavye ubutungane.
🔴 Icigwa c'ubuzima...
Kenny Claude Nduwimana yamamaye mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, aho yadutse akora ibiganiro vyo kubiba urwanko. Abagwanije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza nta bitutsi atabashizeko, bamwe abambika ivyaha vya kahise vyabaye bataravuka canke bakiri abana bato cane. Mu nyuma yatandukiriye gutuka ubwoko bw'abatutsi abagereranya n'imbwa. Urwo rwanko rwamuhaye kuba "umumenyeshamakuru" w'akarorero muri "CVR ya Ndayicariye" mu gihe kitari gito.
Ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye ntibwamereye. Mu ntango iyo migenderanire ya be na CVR yari ikomeye, ariko gahorogahoro atera aja mu matati na Colonel Alfred Innocent Museremu yatwara iperereza mu gihugu hagati. Uyo nawe yarica agakiza mu ntango y'ubutegetsi bwa Ndayishimiye. Nuko Kenny Claude atangura kuza arinjira mu busho bw'iperereza. Kuri runo twaranamutabarije, aca asohoka adutuka kugira yereke abantu ko twabeshe atawamukozeko, ahubwo akiri igihangange mu gutuka abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Ifatwa rya Kenny Claude Nduwimana muri nyakanga 2023 ririmwo igipfungu cinshi. Yoba yafashwe kubera hari ibikorwa yari yasabwe na bamwe mu bakozi b'iperereza aravyanka. Kenny Claude yanafashwe asanzwe atumvikana na bamwe mu bajejwe intwaro bariko baranyaga amatongo abanyagihugu mu Buterere. Kenny Claude asanganywe kandi amatati na Colonel Museremu yagiriza ko yamwivye ibikoresho vyo kumenyesha amakuru birenza imiliyoni 40.
Kenny Claude Nduwimana we aremeza ko ariko ararenganywa muvyo yagirizwa vyose. Uyu musi aranakeneye ko abo yahoze yambika ibara bamutabariza. Ntidufise umuco ukwiye ku vyo yagirizwa kugira tumenye ko yoba arenganywa koko. Ubundi, ivyo yari gushobora gukurikiranwako sivyo bimupfunze. Ibohero rya Mpimba ririmwo n'imiburiburi abantu batatu bagirizwa ko banka abahutu canke batutse abahutu, kubera ubutumwa baba barungikiye abagenzi babo canke banditse mu ma groupes Whatsapp. Kenny Claude Nduwimana we yarihaye ikiringo kitari gito asohora inyigisho zigisha kwanka abatutsi, zibagira ibikoko, zibuza kwivanga nabo canko kwubakana nabo, ariko ivyo ntivyigeze vyitwa ivyaha kuko yavuga ivyo abategetsi bashaka. Ibara yambitse abaharanira agateka ka muntu na bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi nka Hon. Agathon Rwasa, ivyo ntaco bitwaye mu butegetsi bwa CNDD-FDD.
Uko Kenny Claude Nduwimana abivuga bibaye ari ukuri, ivyaha ariko aragirizwa bishobora gusa n'irementanya nkuko iperereza ryama ryabikoreye abandi benshi. Mu myaka iheze, twerekanye amabi iperereza rikora, Kenny Claude Nduwimana yadufata nk'abansi b'igihugu bakwiriye kwicwa. Ntiyari azi ikibi c'akarenganyo : uko kamenyererwa kakaba ingendo y'igihugu niko atawe gasiga, no mu bakavyina. Ba Kenny Claude Nduwimana basigaye, bavyina iyo bumvise uwerenganywa boba bangana gute ? Hano twama twabivuze : ntuze ukome amashi ngo harenganijwe uwo mutiyumvira kumwe, canke uwo mudasangiye ubwoko ; ubwo butungane budasoma amategeko ejo buzosya wewe, kandi uwo musi ushobora kubura abagutabariza kubera washigikiye ko abatabariza bahona !
🔴 Ico nipfurije Kenny Claude Nduwimana nuko atorenganywa na gatoya. Ubutungane nibureke gukwega amaguru, nimba yera yezwe, abaye yarakoze icaha koko naho acibwe urubanza ruhuye n'amategeko.
📸 Ifoto ya SOS Media Burundi
07/05/2024
Umurundi Irakoze Blaise yaraye atashe mu Burundi avuye mu Buganda, aca arahagarikwa n'iperereza ageze ku mupaka wa Kobero !
Uyu musore tubona kw'ifoto yitwa Irakoze Blaise. Ni umurundi yari amaze igihe arangurira imirimo yiwe mu gihugu c'Ubuganda, ahitwa Nakasongera. Niho yafata umugambi wo gusubira mu Burundi. Kubera ikimuranga cari carataye igihe, Blaise yaciye mu buserukizi bw'Uburundi i Kampala kurondera urupapuro atahirako bita "Go Home". Abiwe bavuga ko aho mu buserukizi bw'Uburundi, Blaise yabajijwe ibibazo vyinshi cane. Ariko akibaza ko ataco bitwaye mu gihe ataco yiyagiriza akaba atashe mu gihugu c'amavukiro.
Abiwe bavuga ko ku wagatandatu ku mugoroba (04.5.2024) Blaise Irakoze yuriye imodoka ya agence bita "Friends" kugira imushikane i Bujumbura. Yabaye acinjira ku mupaka w'Uburundi i Kobero ejo haheze, asanga abakozi b'iperereza baramurindiriye bafise n'ifoto yiwe. Ubwo nyene baca baracakira. Ababibobye nibo batabaje abaryango babamenyesha ibihejeje gushika. Blaise Irakoze yoba apfungiwe mw'iperereza i Muyinga.
Abiwe ntibazi ico Blaise Irakoze azira. Mu Buganda yari yagiyeyo gukora akazi, ntabwo we ari mu barundi bahunze kubera ibibazo vya politike. Nkuko muvyibuka, haraciye indwi zikeya, uwundi murundi yari amaze imyaka aba mu Rwanda no mu Buganda yaratashe nkuko nyene aca arahagarikwa n'iperereza rifatanije n'imbonerakure, amara indwi irenga atawuzi irengero ryiwe. Hano twagumye dusemerera gushika ararekurwa. Twasanze yari apfungiwe mw'iperereza mu gihe yaba uwutwara Imbonerakure i Muyinga, yaba uwutwara iperereza i Muyinga nyene, bose bari bahakanye ko atari bo bafashe uwo muntu.
Hoba harabwa iki kugira bamwe mu barundi batashe bace bafatwa ? Hoba hariho Abarundi basigaye binubwa n'igihugu cabo ? Mbe hoho ni kuki inzego zifata Abarundi batahutse zitaca zibimenyesha Imiryango yabo ?
Abaryango ba Blaise Irakoze barasaba ko uwabo atogirirwa nabi. Basaba ko nimba hari ico yiketsweko canke yagirizwa bokimenyeshwa, nimba hari ahasabwa umuco bakanafasha kuwutanga.
Sangwa CNL na kizigenza w'inyankamugayo
26/08/2023
After several betrayals committed by , here is the rest of his life.
We had new information from the house where his office of GASEN PETROLEUM GROUP AFRICA LIMITED BURUNDI s.a. was. They handed it over in a hurry and left like a thief with all the office equipment that was lent to him.
07/07/2023
Honorable Rwasa umukuru w'umugambwe w' Inyankamugayo za CNL aho uri hose yatahutse impore. Ibihuha muvyirinde
06/07/2023
HABIMANA Metus yafotowe ifoto na YIGENGA ariko arasuma udutumbura kw'ibarabara.
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
Kayanza
1111