SILVA

SILVA

Share

Genda mushigikire uru rubuga mugukora SUBSCRIBE no kuri chaîne YouTube SIRIUS DOCS: https://youtube.com/@siriusdocs-s2p?si=QXXnzxPXQdeYZFj0

18/06/2026

🌐⚽ Dukeze abakongomana bashoboye kujana abapfumu beza, bihagararako imbere ya Portugal

RDC yaraye ishoboye kwinjiza igitsindo mu rukino rw’igikombe c’isi yose. Igihe yaheruka muri ico gikombe yatsinzwe 14 ku busa. Yamara, kuri iyi ncuro, yinjije igitsindo mu gice ca mbrre c’urukino rwayihuje na Portugal

Mu gikombe c'isi yose co mu 1974 cabereye mu budagi bwahavuye bugitahana butsinze Pays-Bas,Congo nayo yari yahishikiye na moral nyinshi

Congo n'ico gihugu co ku mugabane w'Afrique mu birabure cagiye ubwa mbere mu gikombe c'isi yose. Bwari bubaye ubwa gatatu Africa iseruka muri Africa. Kuri Mobutu yari yafashe sport nka kimwe mu bintu vy'ubuhangange yogombe yereke isi yose y'uko ari umwami w'abami, umusirikare aruta abandi mu mapete.

Les léopards, umugwi nserukiragihugu wa Congo ( Zaïre y'ico gihe) ukimara gutsindira kuja mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi yose waciye ugura umumenyereza yahoze amenyereza Maroc akaba ari nawe yari yayijanye mu gikombe c'isi yose imyaka ine yari iheze

Umugwi wimenyereje ukwezi kwose imbere y'uko inkino zitangura mu gihugu c'ubusuwisi. Barakoze ibishoboka vyose ngo bazoshobore kwerekana ubuhinga ubona ko bari bafisemwo n'abakinyi bakomeye.

Urukundo rwa mbere Congo yakinye na Ecosse maze batsindwa bibiri k'ubusa. Baciye baja kwitegurira urukino rwa YOUGOSLAVIE. Baruteguye udushirukabute duhabwa abakinyi bataratubaha. Ni urukino n'ubu rukiri mu mateka y'umupira wa maguru. Congo mu minota cumi n'itanu yari imaze kwinjwizwa bitatu kandi umukinyi umwe yahawe ikarata itukura. Birumvikana ko yaciye asohoka. Urukino rwaje kurangira Congo inyagiwe imvura y'ibitsindo icenda ku busa. Mu rukino rwa nyuma rwo mw'itsinda Congo yakinye na Brésil yaheruka gutwara igikombe maze ibinjiza bitatu ku busa. Ubiteranije vyose ni ibistsindo cumi na bine Ku busa.

Bivugwa ko Congo yari yajanye abapfumu n'abarozi barenga mirongo umunani. Amareba yabo ntaco yakoze imbere y'umuzungu. Hari abavugwa y'uko ata n'indege babafatiye yo gutaha. Nkeka n'ubu batarashika mu gihugu. Ariko vyoshika kuberako n'abakinyi bash*tse mu gihugu batitaweho, no ku kibuga c'indege ntawagiye kubakira. Ngo boba barabujijwe gusubira gukina mu migwi y'iburaya. Benshi kazoza kabo kakaba kaciye gafutana

N’ubwo yari yaburabujwe imbere y’uko ishikayo, Congo yitwaye neza. Dukuremwo ivy’ubupfumu kuko iyoba vyakora ntiyomaze imyaka 50 idasubiyeyo, ntiyari guca muri barrage. Ariko itanguye neza. Vyoguma uku, yotangaza benshi

17/06/2026

🔴⚫️DIPLOMATIE& PSYCHOLOGIE: UKO ABA PERESI BASOMYE TRUMP MU MUTWE

Kuva ejo, turiko turaganira ku ba psychologues babiri binjiye muri equipe consultative mu b**abiro Iran irimwo na USA, hanyuma ibintu birahinduka.https://www.facebook.com/share/p/19DFYY5Ykf/

ni science ikiri nshasha. kera abantu barayikoresha batazi ko ari yo. Ironse izina vuba. Ariko kuva ivutse imaze gushika ku bintu vyinshi. Nk’ubu umwana wawe yama ariko ararya urutoke barazi igituma, wewe uracisesako ivyo kurya kandi ukuze, barazi igituma kandi bogufasha, igihe chérie wawe aguhevye ugahakwa kwiyahura, nibo bagufashije. Erega urya muhungu yiyitirira gukunda abakobwa bose bo muri quartier barazi ivyiwe. Mbere barashobora kumenya igituma inzoga zakugize umuja bakagufasha n’ubwo bagumye bakubwira ko ari ishetani zikurimwo. No muri twa tuntu duto nko kwandika usimbagurika canke udahereye ku murongo birafise ico bisiguye, kurota uguruka navyo nyene biraronka insiguro

nayo nyene ntaho itandukaniye na Psychologie. Aba diplomates beza nka Henry Kissinger, Charles Baranyanka canke Benjamin Franklin wogira ngo bize mu mashure ya Psychologie. Ibihugu vyinshi biritonda bikagira aba diplomates bafise quotient intellectuel & émotionnel ziri hejuru cane cane iyo hageze kugonesya

Kubona Iran yari ikoze ku ba psychologues kwari kugira buzuzanye. Aba diplomates bafise ubumenyi ku bibazo vya politique mpuzamakungu, barafise impano yo kuganira ariko ntibazi ibinyegezwa biri muri kamere y’umuntu, ingene babinyegurura n’ingene bashikiriza ubutumwa umuntu agoye kuyagisha

Ba ba psychologues basanze Trump afise uburyo bubiri wosigura inyifato ziwe: Musome mwitonze muza gusanga 90% ivyo bintu Trump avyujuje

✳️ profil erratique

Umuntu ameze gutyo:

▪️Ahindura ivyiyumviro n’ingingo ata mvo n’imwe iboneka ibimutumye
▪️Ahindura kenshi imigwe n’ibigumbagumba
▪️Afise ikibazo co kuguma mu masezerano canke ngo akurikize ivyo aba yihaye gukora mu kiringo kanaka

▪️Guheba umugambi yatanguye n’uwa mbere atarawumara: Ashobora gutangura umugambi uno musi, mu ndwi iza akawuheba, mu kwezi akawusubirako afise inguvu nyinshi zo kuwusozera

✳️Profil psychopathique

Iyi profil twarayivuze igihe twariko tuvuga kuri Kazungu, wa mu tueur en serie wo mu Rwanda. https://www.facebook.com/100094462363670/posts/160395397119205/?app=fbl
N’ubundi psychopathie isanzwe izwi muri criminologie na psychopathologie. None umuntu afise iyo profil aba ameze gute?

▪️Ibigumbagumba vyiwe biba vyarakonje:

Biramugora kwumvira ikibabarwe abantu bababaye. Umutima ntumwagiriza iyo yagiriye nabi abandi

▪️Uburyarya

Urashobora kumubona yigize umuntu akunda abandi, ababazwa n’ibibashikira, yiyerekana nk’umuntu ari sympathique. Yiyerekana nk’umuntu w’abantu

▪️Manipulateur

Akoresha abandi kugira ngo ashike ku migambi yiwe. Arabesha cane. Yama ashaka kwinjira mu migenderanire n’abantu

▪️Arikunda

Yibona ko arenze abandi. Ashira imbere inyungu ziwe

▪️Ntakunda kwemanga ivyo yononye

Biramugora kwemanga ivyo yononye, yohava yishirako inkurikizi zavyo

‼️Umu psychopathe si ngombwa ngo abe umu tueur en serie nkuko films zikunda kuvyerekana

🔴Umubiri wacu niwo uvuga vyinshi kurusha amajambo

Rondeau igitabu The laws of human nature ( Les lois de la nature humaine) ca Robert Greene. Kubera ari kinini simbira ku kigabane citwa "See through people masks: The role of Role-playing"( Apprendre à voir derrière le masque des gens) muza gusangamwo inkuru ya Milton Erikson, umugabo yavumbuye hypnose, uburyo bwo gusinziriza abantu maze bakakubwira ibibabakiye vyose nabo bakaruhuka

Erikson yafashwe n’ingwara ya Poliomyélite ku myaka 17, umuganga yaraje kumuraba amenyesha nyina ngo:" Umuhungu wawe ejo mu gitondo azoba yapfuye". Aho hose Erikson yaravyumva. Bwarakeye ntiyapfa, ahubwo asaba ikiyo azoza ararabiramwo ko bwije aho yari aryamye ku musego. Yamaze imisi myinshi atikakaza. Bashikiwe bahora baza kumuraba akihweza uko bamuvugisha n’uko isura zabo zimeze akabona ntibihuye. Abantu baje kumuraba yarumva ko ivyo bamubwira bitandukanye n’uko babonekana mu maso, ni uko umubiri wabo wikakaza. Erikson imisi vyose yamaze ku musego yayimaze ata majambo avuga ariko yihweza inyifato z’abantun( bashikiwe cane cane, yarabona ko bihevye ariko bakamwereka ko bari kumwe)

Inyuma y’imisi myinshi ku musego, Erikson yarakize. Ivyo yaboneye mu ngwara nivyo yakoresheje muri cabinet. Akubonye winjira yarashobora kumenya ko uharitse umugabo wawe, canke muriko muravugana yarabona ko uriko urabesha. Yaririnda kubwira abantu ko bishima ariko akaba ari bo ubwabo bavyivugira.
Hariho igisata ca Psychologie ciga uririmi rw’umubiri. Uko umuntu akubita ingohe, uko wicara, uko uduza ijwi canke urimanura. Aba psychologues beza ntibumviriza ivyo ubabwira, baraba uko umubiri wawe witwara uriko urayaga. Barashoboka kumenya ko umuntu arizwa n’ubusa canke n’ukuri.

‼️Mu vyukuri, 70% vy’ivyo dushikiriza uvyerekwa n’umubiri, ibice bisigaye n’ivyo bica ku rurimi ruba mu kanwa. N’ubwo biri uko, aba psychologues ntibaraba mu mutwe canke mu mutima w’umuntu nk’uko benshi bavyiyumvira. Ariko hari aba psychologues bashobora bubona ko ivyo uvuga bihushanye n’ivyo ushikiriza( kuvuga ego n’uririmi ariko umubiri ukavuga oya). Ibi bimenyetso vy’umubiri nivyo aba psychologues ba Iran bakoresheje mu kumenya ico umubiri wa Trump uvuga iyo ariko arashikiriza amajambo

⚫️Abanyepolitique barakenera aba psychologues kugira ngo batsinde amatora

Ego aba psychologues barakenewe ngo bafashe aba politiciens kumenya amajambo bokoresha mu myiyamamazo, uko bokwambara, inyifato bohagarika, izo boshira imbere. Mu bihugu nka France & USA aho usanga abahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu bagira débat, umwe wese usanga afise umu coach. Uwumvise impanuro za coach niwe asohokana amanota meza. Muzobirabe mu mwaka uza muri France

Muri Kenya, muhora mubona uko Ruto yikura mu bibazo vy’aba Gen-Z. Ni kubera basanzwe bamwita Sungura(Bakame) ariko kandi bishobora kuba biva no ku mpanuro z’umu psychologue wiwe

⚫️ Ngibi ibintu biranga umu diplomate mwiza

Ntaca imanza,arumviriza, arazi ibintu vyinshi, ntatwarwa n’ishavu, arihangana, arazi kugenzura ibigumbagumba vyiwe, ashobora kuyaga n’abantu bose, nta kibazo coroshe canke kigoye kibaho, vyose aba ashobora kubiyagako.
Les diplomates sont des psychologues sans diplôme kuko ivyo tuvuze vyose turabisanga no ku mu Psychologue. Nico gituma aba diplomates bakenera umu psychologue yavyize kugira ngo abafashe

‼Ntihagire uwitiranya ivyo bibiri. Kimwe cose gifise intumbero yaco ariko vyose biruzuzanya️

📚Kugirango ngo murahure vyinshi mushobora gusoma ibi bitabu bikurikira :

▪️THE LAWS OF HUMAN NATURE/ ROBERT GREENE

▪️L’ÉLÉGANCE DE LA MANIPULATION/MARWAN MERI

▪️NFLUENCE ET MANIPULATION/ROBERT CIALDINI

Ibindi murabibona muri izo liens twatanze. Abashaka igitabu ca kabiri, mutwandikire kuri [email protected]

Mugire ijoro ryiza

17/06/2026

🔴⚫️Umusi nk’uyu musi 1940: Maréchal Petain yarayamanitse imbere ya Hi**er

Ata n'umwaka urahera intambara ya kabiri y’isi yose itanguye,Maréchal Petain yari arongoye France yasavye abasirikare kumanika amaboko, aba N**i baca barafata Paris gushika muri 1944.

Abafransa bagiriza ko Petain yagambaniye igihugu, ko bari barabivuganye na Hi**er. Ibi ni bimwe bahora bavuga ko iyo hataba abarusiya n’abanyamerika, France iba ivuga ikidagi.

Tuzob**arukako nitwatangura kuvuga ku binyegezwa vy’intambara ya kabiri y’isi yose

17/06/2026

🔴⚫Diplomatie & Psychologie : Twagarukanye ya nkuru

Mwaramutse neza 🙋‍♂️

Muri benshi mwavugishijwe n’inkuru twanditse kuri runo rubuga tuvuga ingene aba psychologues bafashije aba diplomates ba Iran kumenya ubutumwa bashobora kuza baraha Trump bamaze kumenya son profil psychologique

❌Ntituza kwishura kuri commentaires zitukana canke zicira imanza abandi, imyidogo n’ukwagirizanya

👍Tuza kwishura kuri commentaires zibaza ingene vyagenze. Ni gute umu psychologue ashobora gufasha umu diplomate ? Psychologie irafise akamaro muri politique? Zirya profils batoye zisigura iki? Ni gute ushobora kumenya imero y’umuntu uravye ibimenyetso vy’umubiri wiwe?,...

📚Abakunda gusoma turabaha ibitabu muja gusoma kugira ngo munoganze ivyo tuzoba twavuze

‼️Igisomwa kizoba ari kirekire, muze kwitwaza agatebe n’amazi

Turi kumwe namwe

17/06/2026

🔴⚫️Amerika yanse kwereka Israël ibiri mu masezerano y’amahoro

Gushika ubu, Washington ntirereka Israël ibiri mu masezerano bagiye gusinya na Iran. Ntako abayahudi batari bagize ngo berekane ko bashaka kubona impapuro nyezina z’amasezerano ariko Washington yaranse. Mu nkuru twaheruka kubasangiza, twari twavuze ko hari abatasi ba Mossad & Shin Bet banyagara hirya no hino barondera uko bomenya ivyo Iran iriko iraganira na USA. Gushika ubu, Washington yashimye gushikiriza ibiri mu masezerano inyuma y’uko amasezerano azoba asinywe ku wa gatanu

Aya masezerano Israël ntiyayakunze ariko harageze aho Amerika icisha ahayo. Rimwe na rimwe Trump aracishamwo akavuga ko ivyo Israël ifise ibikesha Amerika, iyo hataba Amerika,Israël itaba ihari

Ku rundi ruhande, Israël ibandanya ikora ibitero muri Liban cane cane mu bumanuko. Iguma yigarurira ubutaka bwo muri Gaza. Ivyo biri uko mu gihe Iran yaraye imenyesheje ko idashobora gusinya amasezerano haterekanywe ko Israël ihagaritse intambara muri Liban ni uko ivuyeyo

N’ubwo biri uko, aya masezerano aracagoyagoya. Agiye gusinya impande zitizerana. Ubushinwa bwamenyesheje y’uko intambwe ya mbere yo kwumvikana ku mahoro ari yo yoroshe kurusha intambwe izokurikira izoba irimwo kuganira ibijanye na nukleyeri. Pékin yasavye Islamabad ko Ubushinwa bwofasha muri ico gikorwa, inama nkuru y’umutekano ya ONU nayo nyene igahagarikira ico gikorwa

17/06/2026

"Intambara ya Iran igira cumi mu zo nsozereye. Maze kurangiza intambara cumi"

17/06/2026

🔴⚫️Amajambo nyamukuru dukura mu kiganiro ca Sonko na Rfi & France 24

1. Sinibaza ko hari induru ziri mu gihugu. Sénégal iri hejuru y’ibitandukanya abanyepolitique

2. Nashaka nizeze abantu ko ata gushihana kuzobaho

3. Iyo ideni ryariwe abanyagihugu batabizi, bitari mu nyungu zabo, iryo deni ni ribi, ni ryo kwiyamirizwa

4. Mu rukino ruzohuza Sénégal na France, uwuzotsinda wese, Afrika niyo izoba itsinze Afrika

5. Nta vyiyumviro bikaze mfise ku bijanye n’ideni ariko ico ntemera ni ingingo gihutihuti

6. Harashobora kuba ukudahuza kwa politique canke kw’imigambi ariko nta gushihana bishoboka

16/06/2026

🔴⚽Bigenda gute ngo umu Lijendi wa France nka Zidane afane Algérie ?

Muri 1998, Zidane yatwaye igikombe c’isi yose akinira umugwi nserukiragihugu wa France. Incuro zakuriye yagiye ahusha ico gikombe yash*tse kuri Finale nko muri 2006, aho yasohotse ahawe ikarata itukura inyuma yo gukubita umutwe Materrazi

Zidane, akomoka muri Algérie, umuhungu wiwe Lucas asanzwe akinira umugwi nserukiragihugu wa Algérie. Yaramukurikiranye cane mu gikombe ca Afrika cabereye muri Maroc

Mu rukino ruhuza France na Sénégal, Zidane ntaza kuboneka. Azoboneka ku rukino Les Fenecs( Algérie) bazohura na Argentine. Kandi ubwo ari mu bavugwa ko bazohava bamenyereza Les bleus ( France) inyuma ya Didier Deschamps

Ibi biharuro vya Zidane, mwumva ari vyo?

16/06/2026

🔴⚫NTIBISANZWE‼️Twamenye ubuhinga Iran yakoresheje mu kugondoza Trump

Ntimuhora muvuga ngo kwiga ntaco bimaze? E mama ngo amayagwa ntafata iswa ? Bamwe muri mwebwe diplomes zanyu ntizisigaye zitekera icapati?

Mwomenya y'uko Iran uno musi ihagaritswe ni uko ifise incabwenge nyinshi. Aba peresi barize, b**a ibintu vyinshi: Ibiharuro, diplomatie, intambara, Philosophie, Indimi,.. Tukivuga indimi, mwomenya ko Mojtaba Khamenei ubwiwe afise certificat ya TOEFL, bamwe muri mwebwe murazi akamaro kayo. Yama ariko arahimiriza abana ngo bige indimi mpuzamakungu

Mu nkuru twabashirije ubwa mbere, twarababwiye ko abaperesi bari mu ba négociateurs bo ku rwego rwo hejuru kw’isi yose, bashobora kuba ari n’aba mbere. https://www.facebook.com/100094462363670/posts/831070003385071/?app=fbl. Twaravuze amayeri bakoresha ariko duheruka kuvumbura amayeri bakoresheje mu kugondoza Trump

Neza na neza, guhera mu kwezi kwa kane, muri equipe de négociations bahamagaye aba psychologues ( abahinga mu nyifato) bo ku rwego rwo hejuru. Ico bari baje gukora kwari kwihweza uburyo Trump ashikiriza amajambo ajanye na Iran, barize uko yinyagaza, uko akanura, urugero avugirako amajambo baca basanga afise profil canke . Kuva uwo musi baciye bamenya messages baza bararungika i Washington. Aba peresi bafata négociations nka espace clinique. Nico gituma aba diplomates bahamagaye aba psychologues babafashe mu vyo banegosya. Ivyakuriye? Ni uko Trump yatanguye guhindura inyifato, atangura kwemera ibisabo vya Iran

Hanyuma ngo amashure ntaco amaze⁉️

👏👏Aba psychologues mwubahwe

16/06/2026

🔴⚫ Imbere y’uko Sénégal ikina na France, berekanye ko bashira Imana imbere"

🗣️Umumenyeshamakuru :

Uno musi muri New Jersey hari imiyaga myinshi. Abajejwe umutekano abarongoye b fédération babasabye kuguma mu rugo ku mvo z’umutekano wabo. Kuberiki mwasohotse mukaja gusenga?

Pape Thiaw, umumenyereza wa Sénégal

Hariho ikintu gihambaye kurusha igisabisho? Sinibaza ko ivyo bibaraba. Mutinya umuyaga, tugatinya Allah, uwaremye umuyaga. Twaje ngaha gukina urukino rwo kwinezereza ariko twaribagiye ko twaremwe ngo tuninahaze Allah

N’ubwo hoba hari finale y’igikombe c’isi yose kandi akaba twebwe tuyikina, twogenda gukora igisabisho co ku wa gatanu, n’ubwo ivyo vyoba bisigura gutakaza igikombe

Ntimukaduhe ivyigwa ku bijanye n’imigenzo hamwe n’amabwirizwa y’ivyo twemera

Want your business to be the top-listed Media Company in Dubai?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address


Dubai