ALL PEACE

ALL PEACE

Partager

@Entrepreneur All peace

Photos from ALL PEACE's post 18/05/2026

Yayaya ntamikino ubazanako ๐Ÿซก๐Ÿซก๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช
Mugihugu ca Kenya inyuma yaho igitoro kidugiye ibeyi (ibiciro) bamwe muhenegihugu bazindukiye mumabarabara uyumusi ๐Ÿ™† barayazibira nkuko mubibona kumafoto๐Ÿ‘‡

๐Ÿ‘‰abunguruza Abantu nabo ๐Ÿ™ namamodoka bahitamwo kuvyihoza bazigumiza munzu aho atamodoka yunguruza Abantu yagaragaye mugatondo kuyu munsi

๐Ÿ™† Igitoro cabaye buduge ibeye gusa nticabuze ibaze rero iyokiza gukenaโ‰๏ธ๐Ÿคญ

โœ๏ธ
utarakora follow canke suivre kururu rubuga uri guhomba caane

Photos from ALL PEACE's post 16/05/2026

๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ : ๐€๐ฆ๐š๐Ÿ๐š๐ซ๐š๐ง๐ ๐š ๐ฒโ€™๐š๐ฆ๐š๐ซ๐ฎ๐ง๐๐ข ๐ข๐ฆ๐ข๐ซ๐ข๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐Ÿ๐Ÿ๐ŸŽ ๐ง๐ข๐ฒ๐จ ๐š๐ก๐ž๐ฃ๐ž๐ฃ๐ž ๐ค๐ฎ๐ซ๐ข๐ก๐ฐ๐š ๐งโ€™๐ข๐ฌ๐ก๐ข๐ซ๐š๐ก๐š๐ฆ๐ฐ๐ž ๐ซ๐ฒโ€™๐ฎ๐›๐ฐ๐ข๐ฌ๐ก๐ข๐ง๐ ๐ข๐ณ๐ข Assurance Agico Burundi ,๐ง๐คโ€™๐ข๐ง๐ฌ๐ก๐ฎ๐ฆ๐›๐ฎ๐ฌ๐ก๐จ ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ž๐ฐ๐ž ๐š๐›๐š๐๐š๐ง๐๐š๐ณ๐š ๐Ÿ‘ ๐›๐š๐ซ๐ข ๐š๐›๐š๐ง๐ฒ๐ฐ๐š๐ง๐ฒ๐ข ๐›๐š ๐€๐†๐ˆ๐‚๐Ž ๐›๐š๐›๐ฎ๐ซ๐ข๐ฒ๐ž ๐ข๐›๐ข๐ง๐ญ๐ฎ ๐ฏ๐ฒ๐š๐›๐จ ๐ฆ๐ฐโ€™๐ข๐ฌ๐จ๐ค๐จ ๐ฒ๐š ๐Š๐ข๐ง๐š๐ฆ๐š ๐›๐ข๐ญ๐ฎ๐ซ๐ฎ๐ญ๐ฌ๐ž ๐ค๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐ซ๐ข๐ซ๐จ ๐ฐ๐š๐๐ฎ๐ญ๐ฌ๐ž ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ž๐ค๐ž๐ซ๐ž๐ณ๐จ ๐ซ๐ฒ๐š ๐ŸŽ๐Ÿ• ๐‘๐ฎ๐ฌ๐š๐ฆ๐š ๐Ÿ๐ŸŽ๐Ÿ๐Ÿ”,๐ข๐ฆ๐ข๐ซ๐ข๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐Ÿ’๐Ÿ‘๐Ÿ‘ ๐ง๐š๐ณ๐จ ๐€๐†๐ˆ๐‚๐Ž ๐ข๐ณ๐จ๐ณ๐ข๐ค๐จ๐ซ๐ž๐ฌ๐ก๐š ๐ฆ๐ฎ ๐ ๐ฎ๐ฌ๐š๐ง๐ฎ๐ซ๐š ๐ข๐ฒ๐จ ๐ฌ๐จ๐ค๐จ.

โœ๏ธ Muri izo nshumbusho zatanzwe, ishirahamwe AGICO ryahaye NYABENDA Padoni na KARENZO Styves umwe umwe imiriyoni 50 ,HAKIZIMANA Jean nawe yaronkejwe imiriyoni 10. Inyubako yโ€™isoko yegukira Komine nayo yatanguye gusanurwa,AGICO ikazokoresha imiriyoni 433.

๐Ÿ’ฌ Inyuma yo gutanguza ku mugaragaro ibikorwa vyo gusanura isoko ya kinama hamwe nโ€™itangwa ryโ€™inshumbusho,umuyobozi mukuru wa AGICO,BANGURA Lucien,yagize ati :
โ€œ Naho igisata cโ€™ubwishingizi mu Burundi cidogerwa nโ€™abatari bake ,mwโ€™ishirahamwe ryacu AGICO, umunywanyi iyo ahuye nโ€™impanuka turamwironderera tukamusanga aho ari,nico gituma igihe ino soko ya kinama yaterwa nโ€™umuriro,twaciye turungika abahinga bacu mu ntumbero yo kuraba ibiriko birononekara kugira tuzoce tubashumbusha vuba bwango โ€œ.

๐ŸšฅAssurance AGICO yazanye ubundi bwishingizi bushasha kubafata ingendo zโ€™imiduga nโ€™indege ( ) , yaje mu ntumbero yo korohereza abafata ingendo ndende ,ku bibazo vyoshobora gushika vyโ€™indwara,amasanganya nโ€™ibindi.

15/05/2026

liste de France

15/05/2026

Aha wotora igiharuro cakangahe?
ALL PEACE

Photos from ALL PEACE's post 14/05/2026

Mu vyโ€™ukuri, benshi baratangaye cane no kubona bamwe mu bakinnyi bakomeye bโ€™Ubufaransa batahamagawe mu gikombe cโ€™Isi 2026.

Jewe mbona uwatakabaye atasigara inyuma ari .
Camavinga ni umukinyi afise inguvu hagati mu kibuga, ashobora gukina ahantu henshi kandi afise uburambe bukomeye mu nkino zikomeye hamwe na . Mu marushanwa manini nkโ€™Igikombe cโ€™Isi, umukinyi nkโ€™uwo aba afise akamaro kanini cane.

Nanje mbona ko yari akwiriye kujanwa kubera uburambe nโ€™ubuyobozi atanga mu kibuga, naho imyaka igenda iza. Aracafise ubushobozi bwo guhindura umukino igihe cose.

Mu kibanza co gusubiriza Camavinga, nobona hokurwamo umukinyi mushasha atarerekana cane ku rwego mpuzamakungu kugira Camavinga yinjire.
Na cane cane hagati mu kibuga, canke uwundi mushasha adafise uburambe bwinshi yoshobora gusubirizwa kugira Camavinga agaruke mu mugwi.

Ku vya Griezmann, nobona hokurwamo umukinyi wo ku ruhande canke umusatirizi atariko aratanga umwimbu ukomeye kugira uburambe bwa Griezmann bufashe igihugu.

Ariko kandi, nawe gusigara inyuma vyaratangaje benshi kuko yama afasha cane mu gutera no mu kwihuta imbere.

Mbega wewe ubona uwuhe mukinyi yasizwe inyuma mu buryo butumvikana kurusha abandi?

14/05/2026
07/05/2026

isoko ya kinama uko yahiye

Photos from ALL PEACE's post 07/05/2026

๐Ÿ”ฅ Gushika ubu, umuriro wadutse hafi isaha zitatu z'agatondo nturazima, abadandaza bariko barahungisha ibintu

โœ๐Ÿพ Inyuma y'umuriro wadutse kw'isoko yo mu Kinama, abajejwe umutekano bahash*tse ku bwinshi, abo mw'ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge baje gutabara, imodoka yo kuzimya umuriro niho iri ariko vyanse ko umuriro ugabanuka, ahubwo uguma wihereza izindi mpande.

๐Ÿ’๐Ÿพ Bamwe mu badandaza bahari bavuga ko umuriro babonye waduka mu ruhande rudandarizwamwo amavuta, hanyuma ubandaniriza ku zindi mpande, harimwo aho badandariza amasakoshi, ibirato, n'impuzu. Nk'uko babivuga, nta muyagankuba usanzwe uhari ngo bibaze ko woba wadutse ku ntsinga. Hariko haraza izindi modoka za kizimyamoto kugira zifashe.

๐Ÿ‘‰๐Ÿพ Abajejwe umutekano bakaba bariko baragerageza gucunga kugira ntihagire abinjira gusahura, badasanzwe bafiseyo ibintu canke ngo bahagirire isanganya. Ariko, naho biri uko, hari abidoga ko bashobora kwibwa kubera hari ahinjirana bose.

๐Ÿ“Œ Abo ku ruhande rutarashikirwa bakuyeyo ibintu vyabo ubu bikaba biri mw'ibarabara. Tubandanya tubikurikirana.

05/05/2026

.Ivyiyumviro vyanje ni ibi. Nta kintu kindi ntekereza. Inzu, imodoka, amafaranga. Gushika ntarambirwa.
* Umurongo uratomoye. Ico nzirikana gusa ni ugutsinda. Ntakundiho, nta gusubira inyuma. Nta bisigura. Akazi kugeza ku rupfu.
Iyakamenye ntigata. Ndafise umutima, ndafise intego. Bizoshika.
Bavuga ngo ndarota? Ego, niko ndota. Ariko nzozikangura. Murabe.

๐Ÿ’ต๐Ÿš•๐Ÿ›๏ธMind set

Ivyo umuntu yibaza iko yobaho mubuzima kugira ashike kure
Bahita bagenda hanze kurondera ubuzima
Keshi na keshi twibaza vyishi kubuzama bw'igihugu cacu c'uburundi,aho utaronka aho ucisha umusaya.
kugira dushike kure.

Photos from ALL PEACE's post 01/05/2026

๐ŸŸฅ : Prรฉsident Yatanze Itegeko Ryokwirukana Abanyafrika Y'Epfo Bose๐Ÿคฆโ€โ™‚๏ธ๐Ÿ™ˆ

Bola Tinubu, Prรฉsident wa Nigeria๐Ÿ‡ณ๐Ÿ‡ฌ, yahagaritse imigenderanire nโ€™igihugu ca Afrika yโ€™Epfo๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฆ kandi ategeka ko Abanyafurika yโ€™Epfo bose๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฆ baba muri Nigeria....abari mu buryo bwemewe nโ€™amategeko nโ€™abatabufise bose bokwirukanwa.

Mw' itangazo ryamaze gutuma haba umuvurungano ku mugabane wa Afrika, Prezida wa Nigeria๐Ÿ‡ณ๐Ÿ‡ฌ Bola Tinubu yatangaje ko Abanyafrika yโ€™Epfo๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฆ bose bokurwa ku butaka bwa Nigeria, hamwe no guhagarika imigenderanire ya dipolomasi no guhagarika gutanga gazi ku gihugu ca Afrika yโ€™Epfo๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฆ.

Iryo fatwa risa nโ€™igisubizo ku vyabaye vyo kwanka abanyamahanga (xรฉnophobie) biherutse kuba muri Afrika yโ€™Epfo, aho abanyagihugu bo mu bindi bihugu vya Afrika, harimwo nโ€™Abanyanigeria, bavuga ko bakorewe ibikorwa vyโ€™ihohoterwa, ububisha, ukurenganywa no kwirukanwa. Nkโ€™uko Prezida wa Nigeria abivuga, ico kibazo camaze kurenga urugero.

ati:๐ŸŽ™
๐Ÿ—ฃ โ€œTurarambiwe kubona ivyo bikorwa vya xรฉnophobie vyisubiriza uko umwaka utashe, kandi ata nโ€™umwe abivugako. Ntitwoshobora kubandanya turorera abavukanyi bacu bariko basuzugurwa mu kindi gihugu ca Afrika.โ€๐Ÿ™ˆ

: La voix du Peuple

30/04/2026

Ndaramukije Abarundi n'abanya Rwanda tugire amohoro.

Vous voulez que votre personnage public soit Personnage Public la plus cotรฉe ร  Paris ?
Cliquez ici pour rรฉclamer votre Listage Commercial.

Adresse


Paris
PARIS