RADIO BENAA Rutana

RADIO BENAA Rutana

Share

Cette Radio est l'un des départements de la Fondation Benaa pour le Développement et l'Education

Photos from RADIO BENAA Rutana's post 30/04/2026

:Urugendo rw’uwurongoye umuryango waba islamu mu Ntara ya Burunga, komine Rutana.

Kuri uno musi wa kane, igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2026, aba islam bo mu ntara ya Burunga, Komine ya yagutse ya Rutana baramutse bakirana iteka abaromgoye umuryango waba islam guhera kugwego rwigihugu gushika kurwego rwa zone.

Mu majambo yashikirije isinzi ry’abari bitavye iyo nama,uwurongoye umuryango waba islamu mu burundi Mufy NAYABAGABO Salum yakanguriye abayisilamu bo muri iyo komine gukunda igihugu cabo, babigaragaza mu bikorwa bifasha iterambere ry’ubwisilamu n’iry’igihugu muri rusangi. Yabibukije ko iterambere ridashoboka ata gukorana, ukwiyubaka n’ukwitanga.

yongeye akebura aba islamu, abibutsa ko kugira babone ubuzima bwiza n’iterambere rirama, bokwisunga ibintu bine nyamukuru ari vyo:

1. Inguvu nkomokamana (Ukwizera Imana)
2. Ubumenyi
3. Ubushozi bw’ubutunzi
4. inguvu z'abantu (Gukorana no gufashanya)

Yashimangiye ko ivyo bintu ari zo nkingi z’iterambere rirama, haba ku muntu umwe umwe canke ku muryango wose w’abayisilamu.

Mu kurangiza, abayisilamu bo muri komine ya Rutana bashimiye uwurongoye muryango waba isalmu ku nyigisho n’impanuro nziza yabahaye, bamuha n’utuganuke dutandukanye.

Urwo rugendo rwabaye akaryo keza ko gukomeza ubumwe, ukwiyubaka no guteza imbere ubwisilamu mu ntara yaburunga.

, ,

Photos from RADIO BENAA Rutana's post 10/03/2026

🛫✈️Vyoba bimaze kugushikira ugashaka kuja kwisumamwo mu Gihugu ca Dubai n'ahandi ???

Ego cane ishirahamwe Good choice Travel Agency And Jobconnect rije nk'inyishu.
Iryo shirahamwe rifise icicaro hano mu Burundi rigufasha kuronka itike y'indege, bamwe bashaka kuja kwisumamwo muri Dubai n'ahandi, bamwe bashaka kuja kwiga hanze abo Bose iryo shirahamwe rirabibafashamwo.

Akabirya rero iryo shirahamwe rirafasha n'abigeme bipfuza kuja muri Dubai.
Ushaka kumenya vyinshi Good choice Travel Agency And Jobconnect ikorera mu gisagara ca Bujumbura Galerie ETS Ndayizamba 5e Etage, Bureau E56
Uwushaka kumenya vyinshi twakure kuri 61454473.

27/01/2026

MARKAZ TAWHIID

03/12/2025

: Isekeza ryo kubaga ibivyimba vyo mu nda, inkavyi, imisuha na maso.

Photos from RADIO BENAA Rutana's post 29/11/2025

:Ba bagiraneza Bagarutse kuvura.

Ishirahamwe rya Benaa Foundation uko umwaka utashe ryama rizana abaganga bavuye mu bihugu vya Misiri na Arabie-Saoudite ivyo bibaye ku ncuro igira 7.

Murico gikorwa co kuvura kubuntu indwara zitandukanye zigizwe ibivyimba vyo mu nda, inkavyi, imisuha, bikaba biriko bibera ku bitaro vy'akarere ka gihofi muri komine Rutana kuva kur'uyu wa 5 igenekerezo rya 28 Munyonyo 2025 abantu barenga 20 barashoboye kubagwa harabaye kandi igikorwa co gupima malaria ku mutumba wa Buyaga muri komine ya Musongati abagera 100 barapimwe bongera bahabwa imiti.

Ico gikorwa kandi kiriko kirabandanya aho ku cicaro c'iryo shirahamwe rya Benaa hariko haraba igikorwa co kuvura amaso ivyo bikorwa vyose bikazorangira igenekerezo rya 4 kigarama 2025.

.

Want your business to be the top-listed Media Company in Rutana?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Address

Commune Et Province Rutana
Rutana