Burunga

Burunga

Share

Burunga, the News that reflect the truth. contact: +25768020708

05/06/2026

: Uwurongoye amenyeshako aheruka gukorerwa irementanya rijanye n'uguhungabanya umutekano w'igihugu

Abicishije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 5 Ruheshi 2026, Faustin Ndikumana amenyesha ko kw'igenekerezo rya 17 Rusama 2026, hari inkozi y'ikibi yinjiye mu kibanza c'ubunywero bwiwe, I Ngozi muri karitiye Kinyami mu ntara ya Butanyerera, ifise inkoho n'agapfuko karimwo igerenade, impuzu z'igisoda nshasha hamwe n'ibirato vy'ibotine, ica ibishira mugikoni ahabikwa amakara bakoresha muguteka ibifungurwa baha abakiriya. Kubw'iyo dosiye, abakozi 6 biwe bakaba baciye bapfungwa n'ubwo bunywero burugarwa.

We yemeza ko ari irementanya yakorwe. Asigurako, bamaze gutohoza, barose amakuru avugako, ababikoze bashaka guca bagenda gutanga amakuru mu giporisi ko bafise inkuru, maze mubucagucagu igiporosi kigaca kiza gusaka, kikerekaba ko, uwo atwara Parcem yafatanywe ibirwanisho, agaca yitwa ko atunze ibirwanisho bicira umuriro kandi ashaka guhungabanya umutekano w'igihugu.

Biri uko, mugihe we yemeza ko, izo nkozi z'ikibi zikinze umwijima, ngo wari umaze iminsi wibonekeza biturutse k'wicikagurika ry'umuyagankuba wa Regideso kubera, ngo hari icuma cahiye, mbere ngo akaba yari yamaze kumenyesha ico kibazo umuyobozi wa Regideso kandi ariko arakibafasha.

Faustin Ndikumana agasaba ashimitse ahereye k'umukuru w'igihugu n'izindi nzego gufata ingingo zibereye, ngo ivyo bintu yise akarenganyo, ngo bigamije kurementaniriza abantu bigahagarara, kiki ngo bicafuza ishusho y'igihugu n'inzego zaco, mbere ngo birabuza n'abanyamitahe kuzana imitahe. Asaba kandi irek***a ry'abo bakozi kuko, ngo n'amatohoza yakozwe abajejwe umutekano baremeje ko abo bakozi babatabaje.

Kukijanye n'ugutunga ibirwanisho, avyamirira kure ati:" Faustin Ndikumana ntabirwanisho atunze, ntabirwanisho yigeze atunga,ntabirwanisho azotunga bicira umuriro. Iyo siyo ngwano yiwe birazwi. Urugamba jewe ngwana rurazwi kuva kera muri iki gihugu:ni urw'intwaro ibereye, n'ivyiyumviro, ubwenge, politike z'igihugu, amategeko ico avuga, iterambere ryoza gute,ivyo twize, ivyo tubona ahandi...uwushaka kundemeka ivyo bintu vy'ibirwanisho ni akamaramaza, nasubize ubwenge kugihe".

Nayo kubibazako, ngo ivyo vyabaye bizomuca intege zo kuvuga ibitagenda neza, ababwirako boteshwa bagata. Agashimangirako, mubintu avuga atakintu gitangaje abandi batavuga. Aho, agatanga akarore k'umukuru w'igihugu, abanyamigambwe, abashikiranganji hamwe n'abashingamateka, nabo nyene bavuga ibitangendaneza kandi biba bisa nivyo nawe avuga.

Mwomenya ko inzego z'umutekano zitaragira ico zishikiriza kuri iyo dosiye, y'uwo asanzwe arongoye ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, ngo ukuri nyakwo kumenyekane .

04/06/2026

:Bamwe mubasenyeri ba Anglicane, basaba IMPOZAMARIRA kubahutu birukanywe mumashure 1972, canke abo bourses zabo zahawe abandi...........................................
Musenyeri wa diyoseze Anglicane ya Rumonge BIRAKENGANA Pedaçuli avuga ko umurwi harivyo utariko utohozako, we y'iboneye 1972.

Uyu mutama yerekana imiryango yatuririwe amazu bahejeje kwica serugo, abo ibitungwa vyabo, nk'inka, impene, intama vyanyazwe, ibindi biricwa, ariko CVR ntihagire ico ubivugako.

Aravuga kandi ko amabi yakorewe abarokotse nko kubatangisha inzoga kugira basubire kwicara mubagabo kuko bitwa ibicibwa canke abamenja, ariko umurwi ukaba ataco ubivugako.

Birakengana asaba kandi umurwi CVR gukorana ubwitonzi igikorwa co gusubiza amatongo n'ayandi matungo kugira ntukomeretse abantu kabiri.

Aha, yerekana ko aho ahereye, azi abantu bataye amatongo kubera bahaburiye ababo(bapfuye), bagaca bimukira ahandi, abandi bagaca baza bakayagereramwo, uyu musi bitwaye muri CVR, bariko baburana ngo barabanyaze kandi atarivyo.

Nayo Pasitori Sinzoyiheba Jean Marie yataye amashure aromoka ariko ahigwa ngo yicwe muri Lycée Matana, asaba Reta n'umurwi CVR, guha indishi zakababaro abateshejwe amashure bari baciye ubwenge, canke abo ama bourses yabo yahawe abandi mumyaka y'imbere canke yakurikiye ubwicanyi bw'1972.

Aha yerekana ko reta itwara yama arimwe, ko rero iyihari ubu yokwemera ko aba bantu barenganijwe ikabaha impozamarira, CVR nawo ukabishira mungiro nk'uko uriko ubikora kumazu, amatongo n'ama comptes muma banki yafashwe.

Uyu mutama agashimira umututsi yamunyegeje, yongera aramuhungisha bariko baramuhinga.
Ariko bakagumana amakenga ko nihaza iyindi Reta ibi CVR iriko irakora izobicishamwo umurongo.

Ni mugihe umurwi CVR wari wahuye n'abasenyeri, aba pastori n'abakozi bo mw'idini rya Anglicane hariya i Gitega.

Photos from Burunga's post 04/06/2026

: Umuguzi ategerezwa kubahirizwa mu mpande zose

Muntumbero yo kwubahiriza umuguzi hamwe n'ukumukingira amagara, abadandaza bategerezwa kwubahiriza amategeko ajanye n'ibiciro, ubuziranenge hamwe n'isuku.

Ivyo Bosco Ndereyimana, umuyobozi ajejwe amahinguriro, ubudandaji n'ingenzi mu ntara ya Bujumbura, yabishikirije mu nama musitanteri wa Mukaza yaraye agirishije abajejwe intwaro n'umutekano hamwe n'abarwizatunga barangurira imirimo muri iyo komine. Inama, yari ifise intumbero, y'ukubahiriza umuguzi hamwe n'ukumukingira amagara, gutyo igihugu gishobore gushika ku mbonakazoza y'iterambere cihaye.

Uwo muyobozi yarerekanye utunenge turi murudandazwa. Yafatiye kubidandazwa vy'ishirahamwe BRARUDI, avugako hari abashira imitahe m'ububare babura ibinyobwa badandaza ariko ugasanga mu mabotike biruzuye, mbere bikashika abo mububare bakaja kubigura kumabotike kw'icupa. Yaciye asaba ashimitse kugarukira kuri abo banya mitahe basanzwe bariha amakori, bagahemba abakozi, bakaba banatunze nabo imiryango.

Ibindi yaneguye n' abadandaza badandaza ibiciro binyuranye n'ivyo bafitiye uruhusha, ubunywero budafise ubwiherero bushemeye, abakirana abakiriya isuku rike hamwe n'abadandaza inzoga zidakwije ubuziranenge. Asigurako, bibangamira ineza y'umunyagihugu ariwe muguzi kandi bituma intara idahurumbirwa n'ingenzi. Akabihimiriza n'ukubaka inyubako zikwije ubuziranenge kuko zikwega ingenzi.

Bamwe mubitavye iyo nama baradomye urutoke kubafise ama mega y'ibinyobwa, hakubitanga babijana m'ububare, mini dépôt hamwe n'amabotike vyabo. Barashikirije n'ikibazo c'uburere butagira ama mega, ibituma hari abaca baduza igiciro kugira bagaruze ayo bakoresheje mukubishikana aho bakorera. Basavye ko, ibiciro vyoshingwa hisunwze intunganyo nshasha y'uburere canke begereze ibinyobwa abadandaza.

Cyriaque Nkeshimana, yari yaserukiye iryo shirahamwe akaba yaciye amenyesha k'imyidogo y'abadandaza agiye kuyishikiriza, hagiye gukokorwa amatohoza kubaronka ibinyobwa ntibabitange ariko ko boja baratanga amakuru kumwanya. Akaba yaciye abemererako, uburere butagira ama mega bugiye kuzironka.

Musitanteri wa komine Mukaza, Aline Bigirimana agahamagarira abanyagihugu arongoye kubera ijisho uburongozi aho bakorera hose, bareke kuba bansumirinda, bakaboko, gutyo abanyagihugu bakore banonokewe, biteze imbere. Yaranagabishije abamwiyitirira, basaba igiturire abanyagihugu kugirango batunganirizwe.

Photos from Burunga's post 02/06/2026

: Abakukuruke bati:" Ntihagire umwana azira ivyo se yakoze, kandi abo bana nyene, bareke kwivanga muvy'1972 kuko ntavyo bazi baravyumva gusa"..............................................
Mugihe umurwi ujejwe kunywanisha abarundi, gutatura amatati y'amatongo n'ayandi matungo CVR wari wahuye n'abakukuruke bo muri Gitega, aba basaza basavye kandi batarya umunwa ko ivya kahise vyorekerwa ababizi.

Umukukuruke'Bidonge Michel avuga ko kugira abarundi banywane, aruko icaha cokwagira kandi kigaharurwa kuwagikoze, ko atamwana yozira amabi umuvyeyi wiwe yasize akoze.

Ati birababaje kubona iyo havuzwe amabi yabaye, umututsi canke umuhutu w'uyu musi aca aranda umutsi ngo baratimaze, abandi ngo baradumiriye.
Bavuze bati:" Abatutis barishe, none bishe bose? canke abarutse ubu barishe?"
Abahutu nimba barishe, bishe bose ?"

Abakukuruke bagasaba bashimitse ko gufatira mukivunga vyohava, icaha cakozwe n'umuvyeyi, ntikigaruke kwagirizwa umwana yasize, kuko igihe yagikora ntiyagikoze babanje kuja inama.

Bapbona ko n'umwana asigwa na Micombero yagirizwa amabi yose yabaye agahitana abantu isinzi n'ivyabo, atobazwa ivyo se yasize akoze. Bati tugumye muri yamigani ngo "Umwana w'imbeba azira urwanko rwa nyina, kunywana canke gusubiza hamwe ntibizoshoboka.

Kumanza z'amatongo n'ayandi matungo bihari ubu bijanye n'ivyabaye 1972, baribaza igituma abana barutse vuba aribo usanga babikazemwo cane.

Bidonge ati:"ntivyumvikana ingene umwana mu 1972 atari bwavuke, ahagarara kuvuga ivy'ico gihe nk'umuhinga abizi.

Ababikora bavuga ngo ntaneza baronderera igihugu ahubwo n'ukubiba urwanko. Bagasaba nyabuna ko abavyeyi aho kwigisha abana amabi ya kahise, bobigisha urukundo.

Kugira urwo rukundo rushoboke, mbere n'umutima wo kubabarana ukomere, basavye ko abanyegeje abandi muntambara boza barahabwa udushimwe, kuko vyotuma n'abandi bagira uwo mutima iyo hari ubwicanyi canke kudodoberezanya vyadutse.

Basaba kandi ko uwakoze icaha naho yoba yarapfuye yogihanirwa bakamucira urubanza mugabo umuryango wiwe ukaguma utekanye.

23/05/2026

: Ibice birenga 40% vy'abanyororo n'abafashwe 2015 batuma amabohero yuzura: vyogenda gute kugira atezurirwe?..........................................
Ishirahamwe ALUCHOTO, rivuga ko abanyorororo babaye umurengera mubabohero kubera inzigo, n'ibiturira, Viol, ubwicanyi bwimonogoje, ubusuma...

Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa waryo avuga ko ibice 40% vy'abari mumabohero 11 y'igihugu bafatiwe mumigumuko yabaye 2015.
Benshi muribo ngo barejejwe, abandi baraheza umunyororo baciriwe, ariko ugasanga hariho akarwi kabategetsi bo hejuru kanka ko barek***a kubera inzigo n'ayandi manyanga, harek***a abataribo mukibanza cabategerezwa kurek***a.
Umushikiranganji canke umushikirizamanza bagize ngo babakureyo, baca babirukako, mbere bagahakwa no kubakura mukazi nk'uko abandanya abivuga.

Aha ni mugihe ibitigiri vy'abanyororo birengeye ubushobozi bw'amabohero. Amatohoza iri shirahamwe ryakoze, ryasanze kubategerezwa gupfungirwa mw'ibohero rya Gitega harengako ibice 360%, i Bururi harengako 124% , iry'abakenyezi i Ngozi ni sawa 88%, Muyinga harengako 201%, Ruyigi 263%, Muramvya108%, Bubanza 217%, Rutana 277%, Rumonge 183%, Mpimba 526%, Ngozi(Abagabo)459%.

Iki rero ngo ni ikibazo ca politike, gikwiye gufatwa muminwe.
Muti vyogenda gute kugira amabohero atezurirwe?
ALUCHOTO ribona ko kubera igihugu casize Imana imbere, ijambo ryayo naryo rikagira riti: " girira ikigongwe ababagiriye nabi".
Umukuru w'igihugu ngo narye umutima amenyo abafashwe 2015 abakwije umunyororo abarekure, abasigaye boose abagirire ikigongwe kuko ntawuhora aho yamye, ibintu birahinduka.

Bariko bonona uburyo bwokoze ibindi, barya bicaye aho kuja guterera mw'iterambere ry'i gihugu n'imiryango yabo.
ALUCHOTO risaba kandi ko hoshingwa umurwi uraba ingene imanza ziriko ziburanishwa, abejejwe bakamenyekana, umucamanza wese kukwezi akerekana imanza yaciye, akamenyesha kandi izitacitse n'igituma zitacitse.

Photos from Burunga's post 22/05/2026

: Igisirikare cabankiye kurima amatongo bavukiyemwo.................................................
Mugihe kur'uyu wagatanu bari bazindutse kurima, abanyagihugu barenga ibihumbi 4000 bafise amatongo mu kagaragara muri zone Gihanga hegereye ishamba c'imeza rya Rusizi, abasirikare babankiye gukubita isuka hasi.
Abo banyagihugu bavuga ko abasikare bacungereye ico kibira bababwiye yuko har'itegeko rivuye hejuru ribabuza kurima.
Haraheze imyaka 2, abarongoye ikigo kijejwe amashamba OBPE bahagaritse ibikorwa vyose mukagaragara bavuga ko bashakà kwagura ikibira bagisubize uburinganire cahorana. Bagiriza abanyagihu ko bavogeye ikibira mukurima.
Ariko abanyagihugu bo, bamenyesha ko amatongo arayo basékuru na basekuruza bavukiyemwo, babavyariraho, mbere ko ikibira gifise aho kigarukira atawigeze akivogera.
Aba banyagihugu kandi bavuga ko benshi muri bo bafashe amadeni mukurima, ariko batemerewe kuja kwimbura. Abatashoboye kwishura bamwe bari mubusho, abandi abana barirukanywe mumashure kubera kubura ibikoresho.

Soleil Ntihabose aserukira aba banyagihugu yavuze ko bituye umukuru w'igihugu, nawe abizeza ko ikibazo cabo kigiye kuva munzira, ariko n'ubu amaso yaheze munzira.
Ico gihe, umukuru w'igihugu yaciye ashinga umurwi warurongoye na Karerwa Ndenzako umuhanuzi mubiro vy'umukuru w'igihugu.

Uyu nawe twamurondeye kuri telefone kugira agire ico abivuzeko turamukena.
Imyaka 2 ikaba irumanye baturatura, barabujijwe kurima.
Nayo Musitanteri wa Ntahangwa we bamwagiriza ko ataco ariko arabafasha, aho mbere ngo asigaye umenga arabahunga.
Igisirikare kibabuza kurima amatongo bavukiyemwo, abanyagihugu bagisaba kubereka ahandi babateguriye, kuko ngo ntibazokwemera k***a mubana kandi bafise amatongo yabo.
Ataruko, ngo bababwire yuko atari abarundi nk'abandi.

20/05/2026

: Uyu mutamakazi n'umukobwa w'uwahoze atwara ikibuga c'indege Ndadaye Melchior, asaba gukomorerwa inzu isiga se iri mu Q.5...................................................
Ni Ngezahayo Marie Jeannine, umukobwa asigwa na Ngezahayo Longin, yahoze atwara ikibuga c'indege ca Bujumbura ubu citwa Ndadaye Melchior.
Yituye umurwi ujejwe gutatura amatati y'amatongo n'ayandi matungo, hamwe no kunywanisha Abarundi, avuga ko parcelle isiga se wiwe iri muri Q.5 mungagara ubu ibamwo abandi bantu yoyisubizwa, aho mbere yerekanye ibiyiranga vyoose.

Uyu mutamakazi, avuga ko yarimwo inzu zibiri, imwe bakaba barayisambuye bayisubiramwo, ariko iyindi ikiri uko yari imeze.

Ngezahayo Marie Jeannine yemeza ko atanahamwe yabonye ko yoba yaragurishijwe, n'uyu musi icanditswe kuri se wiwe nk'uko ibitabo ntunganya amatongo(Titre foncier) vyabimweretse.
Longin Ngenzebuho ngo yagandaguwe Itariki 3 Ruhuhuma 1972, aho yagiye ahamagawe n'umugenzi wiwe, ariko ntagaruke, ijisho rikaba ryabaye iryo.

Yabishikirije umurwi CVR, hariya muri komine ya Cibitoke, intara ya Bujumbura.
Abari ngaho basavye ko abaha amakuru canke baza kwitura uyu murwi bokingirwa kugira ntibagirirwe nabi bahorwa ivyo baba bashikirije.

N'ayo kukamo kumurwi usaba ko atawohirahira ngo agure canke agurishi itongo canke inzu biri mumatati ajanye n'amakuba uburundi bwagiye buracamwo, abari bitavye basavye ko ivyamaze kuboneka ko biri murayo matati vyoshikirizwa abajejwe intwaro kugira babuze aboshaka kugura canke kugurisha.
Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko ivyo vyoca bituma hari abikika mukiza muguhenda abapfakazi canke impfuvyi.

Photos from Burunga's post 16/05/2026

: Abimirije gukora concours, baronse ishirahamwe ribigisha ubuhinga bwa none k'ubuntu......................................
Kuri ECOFO Monseigneur Schweppes ryo munyakabiga bariko bigishwa ubuhinga bwa none kubuntu n'ishirahamwe ry'urundi rwaruka biciye mumugambi witwa Cod Club. Niho mbere hatangurijwe icese umugambi Code Club watangujwe n'ishirahamwe ry'urwaruka

Léonidas Nkurinziza umuyobozi w'iri shure avuga ko arakarusho, mubazobndanya y'imyuga kuko bizotuma bamenya ingene barondera ivyo bazokora mubuzima bwa misi yose.
Nayo Francis Ndayubaha arongoye umugambi w'ubuhinga muri KIT HUB yavuze ko amashure agize intara 3 za kera arizo Bujumbura, Gitega na Muramvya ariyo azoshikirwa n'inyigisho z'ubuhinga bwa none biciye mur'uyo mugambi.

Harategekanijwe ko hazokorwa ikibazo kizokorwa imbere y'uko umugambi urangira, kizohuza abanyeshire bo murayo mashure.
Abazoba barushije abandi bazoronswa udushimwe, bongere baje guserukira Uburundi mumakungu, aho bazohura n'abo mubindi bihugu birenga 100 birangurirwamwo uyu mugambi.

N'umugambi ushigikiwe n'ishirahamwe ry'abongereza ryitwa Raspberry Pi Fondation ari naryo rizotegura aya mahiganwa k'urwego rw'Isi.
Nkurunziza Leonidas arongoye ECOFO Schweppes asaba ko no mukaruhuko k'inyuma y'ikibazo ca Leta concours national izi nyigisho zobandanya kurango abana bagume bakurikira izi nyigisho.

Photos from Burunga's post 15/05/2026

: Isoko ya Kinama igiye gusanurwa vuba

Lucien Bangura, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'ubwishingizi AGICO, amenyeshako, isoko ya Kinama iheruka gusha igiye gusanurwa vuba. Ni mugihe iyo soko yari isanzwe ifitaniye amasezerano y'ubwishingizi n'iryo shirahamwe, mbere rikaba ryatanze n'ishumbusho y'imiriyoni 110 ku badandaza 3, bari bafise amasezerano y'ubwishingizi muri iryo shirahamwe. Hari kuri uyu wa 15 Rusama 2026, mu gikorwa c'ugutanguza icese ibikorwa vy'ugusukura iyo soko kugirango isubire gukora.

Uwo muyobozi, aranegura ingene abarundi batarijukira ivy'ubwinshingizi kandi carico gikoresho gituma umuntu adasubira inyuma. Yemeza ko gushika ubu, rimaze kwakira amadosiye 3 gusa y'abakorera muri iyo soko.

Yerekana ko, ikijanye n'ugutevya inshumbusho, biri mubituma abantu batabihurumbira, ariko agahumuriza abantu, asigura ko, ibijanye n'umuriro atabirebire bisabwa. Ngo bisaba ko, umuntu aba yavuze umutahe afise, iyo habaye isanganya bamushumbusha ibijanye n'ivyo yavuze igihe afata ubwishingizi.

N'ubwo biri uko, yemezako, bariko bariga amadosiye amwe amwe basanze hari abafata ubwishingizi badaharura ingene umutahe wabo waduze canke wagabanutse kuko iyo habaye isanganya babikorerako.
Ingaruka yavyo, ngo bituma baca bashumbushwa ayo bavuze ubwambere kandi haciye ikiringo kitari gito.

Avuga kandi, ko basanze hari abadandaza badatanga amakori, ibituma badakurikirana neza ko ibidandazwa vyarwiriye, kugirango bashobore kubwira abo mumashirahamwe y'ubwishingizi ko ibidandazwa vyarwiriye, gutyo habaye impanuka bashobore kuronswa inshumbushwo ihwanye nivyo batakaje.

Musitanteri wa komine Ntahangwa, Alexis Nshimirimana, agahamagarira abo arongoye kugira ubwishingizi umwitwarariko wa minsi yose, mu bikorwa vyabo vyose, kuko ngo, atawumenya igihe isanganya rizira. Nimugihe yemezako, muri rusasuma bakoze basanze mu badandaza bahuye n'iyo mpanuka y'umuriro, abatarenga 25, aribo bonyene bari baragize amazerano y'ubwishingizi bw'ibidandazwa vyabo.

K'uruhande rw'abandandaza bashumbushijwe, barashima iyo nshumbusho baronse nyuma y'iminsi 8 gusa bahuye n'impanuka. Bagahamagarira abandi bandandariza muri iyo soko ndetse n'abo muzindi ntara kwijukira amashirahamwe y'ubwishingizi.

Mwomenyako, ibibanza 395 kubirenga 2400, arivyo vyononekariye muri iyo mpanuka y'umuriro yabaye kuwa 7 Rusama 2026.

Photos from Burunga's post 12/05/2026

/Birababaje kubona abakorisu n'abapagane bahurira muri kwitwara.............................................
Umunyamabanga w'umurwi Léa Nzigamasabo asaba abarongoye amashengero kubera akarorero abandi mugutatura amatati hagati y'abakirisu.

Nzigamasabo yatangaje ko bibabaje kubona umupagane aje kwitwarira umukirisu, canke ugasanga umukirisu yarenganijwe n'umukirisu mugenziwe, mbere n'ishengero rikarenganya umukirisu, ukaza ubona bazanye ayo matati muri CVR kandi ishengero ariryo ryategerezwa gufata iyambere mugufasha mugutatura ayo matati.

Murico gihe, akibaza ubutumwa amashengero atanga ubwaribwo.
Ati:"Vyari kwumvikana iyaba abapagane aribo bazana amatati muri CVR."
Asaba abo barongoye amashengero ko amatati ajanye nayo umurwi ujejwe ari mumashengero boyazanira umurwi aruko bo vyabananiye kuko ngo abemera Imana ntibari bakwiye kuja mumatati.

Abasaba gusubiza agatima mpembero bakibuka ivyo bajejwe.
Abarongoye amashengero bo basanga abantu iyo bari mumakosa bamana akangonongono, iyo bagiriwe inama ntibayishime, bafise uburenganzira bwo kwunguruza ariko bitoca vyitirirwa ishengero ryose.

Pasitori Louise Nambazimana ati:"Intumva ziba mumirwi yose, no mu mashengero zirabaho, ariko ntibica vyitirirwa ishengero."
Mugihugu ngo haracari izo ntumva zigarariza ishengero, kurya n'inzego z'igihugu bazigarariza.
Ni mugihe, umurwi CVR waheruka gushira mungoro urubanza rw'umunyagihugu yaburanije ishengero ry'aba Methodiste avuga ko bamunyaze itongo ryiwe.

Want your business to be the top-listed Media Company in Ngagara?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address

Avenue Patriçe Rumumba
Ngagara